IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu asaba incabwenge kugarukira iterambere ry’aho (...)

Umukuru w’igihugu asaba incabwenge kugarukira iterambere ry’aho bavuka

samedi 11 Rusama 2013

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, mu nama yarimwo n’imvukira zo muri komine Mweya ku musi wa kane igenekerezo rya 09 Rusama 2013, yasavye incabwenge z’imvukira kugarukira iterambere ryo mu gihugu aho bavuka.

«Ni mwebwe mwari mukwiye kujijura kandi mukigisha ubuhinga bwo kurima no kworora kijambere kuko ari mwebwe mutahura kubaruta inzira y’iterambere”, ivyo vyahanuwe na Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, ahamagarira imvukira zo mu ntara ya Gitega gukorera mu mashirahamwe nk’uko adahengeshanya kubihanura aho aba yagendeye hose, hagati mu gihugu.

« Mukoreye mu mashirahamwe, muzoba mushobora kuronka ingurane bitagoranye”, vyasiguwe na Nyenicubahiro Petero Nkurunziza ababwira ko nawe ubwiwe ari mu mashirahamwe y’abarima inanasi, amavoka, ibitoke, n’ubworozi bw’inzuki.

Yisunze akarorero k’icigwa cakozwe ku rwego rwa Afrika, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yamenyesheje ko kimwe mu bituma Afrika iguma inyuma mu bijanye n’iterambere ar’uko abize(incabwenge) zitarangura ibikorwa vy’iterambere mu misozi.

Yarakengurutse igikorwa co mu gihugu ca Ouganda, aho abahejeje amashure mu gisata c’uburimyi n’ubworozi baca barungikwa gukorera mu misozi, bagahembwa hisunzwe ibikorwa baba bakoze. Ako kakaba ari akarorero twokurikiza mu Burundi, nk’uko bimenyeshwa n’umukuru w’igihugu.

Kubw’iwe, gusubira mu misozi gufasha mw’iterambere ry’imiryango ni nk’ukuriha ideni kuko iyo miryango niyo iba yaracumukuye kugira wige, uce ubwenge, hama utere imbere.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.