IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu c’Uburundi yaraganutse ava mu birori i Addis- (...)

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yaraganutse ava mu birori i Addis- Abeba

mardi 28 Rusama 2013

Mu rugendo umukuru w’igihugu c’Uburunndi nyakubahwa Petero Nkurunziza yarimwo i Addis-Abeba aho yari yagiye guhimbaza imyaka 50 ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika ribayeho, ejo kuri uyu wa 28 Rusama 2013 niho yaganuka, akaba yari anezerewe kubona yarashoboye kuyaga na bagenziwe basanzwe barongoye ibihugu vy’Afrika, cane cane abakuru b’ibihugu vyo mu karere Uburundi buherereyemwo.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba yarashoboye kubonana muri ivyo birori n’umunyamabanga mukuru w’ ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban-Ki-Moon.
Aha twobibutsa ko, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yahora mu rugendo mu karere Uburundi burimwo, aho yari yaje ku ngorane ziri mu Buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU akaba yari yaragendeye Uburundi haraheze imyaka itatu, aho hari icuka kibi hagati y’abanyepolitike batandukanye, aha twovuga nk’abahurikiye mu runani ADC –Ikibiri n’umugambwe CNDD-FDD, aho hari ukwutumvikana ku vyari bihejeje kuva mu matora ya 2010, ayo matora nayo akaba ariyo yashize Nyenicubahiro Petero Nkurunziza kurongora Uburundi mu kiringo kigira kabiri.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.