IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kinindo: Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu bikorwa rusangi

Kinindo: Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu bikorwa rusangi

samedi 13 Ndamukiza 2013

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2013, umukuru w’igihugu c’uburundi, Nyenicubaro Petero Nkurunziza yifadikanije n’abanyagihugu bo muri komine Kinindo mu bikorwa rusangi vyakorewe kw’ishure ry’intango rya komine kinindo, aho bariko batanguza umushinge w’ishure ry’ishingiro (Ecole fondamentale)

Ibikorwa vyatangujwe na Musitanteri wa komine Kinindo, umupfasoni Christine Inakanyana ari kumwe n’abanyagihugu bo muri iyo komine n’abandi bavuye mu mihingo itandukanye y’igisagara ca Bujumbura baje guterera agacumu k’ubumwe benewabo.

Hari n’abandi bategetsi batandukanye harimwo umukuru w’igihugu c’uburundi Petero Nkurunziza. Aha twobabwira umushikiranganji w’urwaruka,inkino n’imico kama Adolphe Rukenkanya , umushikiranganji w’iterambere ry’ama komine Jean Claude Ndihokubwayo, hamwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Juma Saidi, abakenguzamateka n’abashingamateka.

Umuyobozi w’ishure ry’intango rya komine Kinindo umupfasoni Bigirimana Benoite, yashikirije abamenyeshamakuru ko ashimira umukuru w’igihugu n’abandi bategetsi bifadikanije nabo. Ku vyerekeye uburyo, musitanteri wa komine kinindo yamenyesheje ko bizeye intererano y’abanyagihugu bo mu Kinindo n’izindi ntererano zizova hirya no hino.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.