IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza arabandanya kwifatanya n’abanyagihugu

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza arabandanya kwifatanya n’abanyagihugu

dimanche 13 Nzero 2013

Kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 12 Nzero 2013,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarifatanije n’abanyagihugu bo muri zone Gatsinda,komine Mwumba yo mu ntara ya Ngozi mu bikorwa rusangi aho begeranije amabuye bongera bavanga isima yo kwubaka umushinge w’ishure ry’imyuga ryo mu Buziragahama.

Iryo shure batanguye kwubaka rizoba rigizwe n’amashuri 12,inzu y’ubuyobozi,inzu z’abigisha hamwe n’utuzu twa surwumwe.Iryo shuri rikaba rizokwakira abanyeshuri kuva ku mwaka w’ishuri uza w’2013-2014.

Avuye ng’aho umukuru w’igihugu yaciye agenda ku mutumba wa Buye uri muri iyo komine nyene aho ari kumwe n’umutambukanyi wiwe bifatanije mu kwubaka ishuri ry’imyuga.Umukuru w’igihugu akaba yarangirije ibikorwa rusangi vyo kuri uyu wa gatandatu ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi aho yifatanije n’abanyagihugu kwegereza amatafari ahazokwubakwa ikibuga c’inkono c’i Ngozi kikaba kiri hafi y’ibiro vy’intara.

Bikaba bitegekanijwe ko ico kibuga gifise agaciro k’amafaranga imiriyoni 500 z’amafaranga y’amarundi kizokwinjirwa itariki ya mbere Mukakaro uno mwaka w’2013.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.