IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yakiriye intumwa zo mu kigega c’iterambere co muri Arabiya (...)

Umukuru w’igihugu yakiriye intumwa zo mu kigega c’iterambere co muri Arabiya Saudite

mardi 30 Mukakaro 2013

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahaye umubonano intumwa zo mu kigega c’iterambere co mu gihugu ca Arabiya Saudite, bakaba baje mu rugendo mu Burundi inyuma y’aho haterewe umukono ku masezerano y’ingurane y’amafaranga azofasha mu gusanura no gusiga ikaburimbo ku mabarabara yo mu ntara zibiri zo mu Burundi.

Kuri ayo masezerano y’ingurane y’amafaranga imiliyoni 32 z’madolare, hazosanurwa amabarabara abiri, rimwe ni Bubanza-Ndora ku miliyoni 20 z’amadolare hamwe na Bujumbura-Nyamitanga rizotwara imiliyoni 12 z’amadolare.

Inyuma y’uwo mubonano, Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko umukuru w’igihugu yashimiye izo ntumwa zo mu kigega mpuzamakungu, kuko basanzwe hari n’ayandi mabarabara bafashije kwubaka, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yibukije ko Uburundi ari igihugu kivuye mu ntambara, ko gikeneye abafasha ababushigikira mu gushika kw’iterambere.

JPEG - 31.7 ko
Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu

Kw’izina ry’abo bagendanye bo mu kigega c’iterambere co muri Arabiya Saudite, Youssef Ibrahim Al Bassam, umuyobozi mukuru w’ico kigega yakeje abarundi bahisemwo gusubiza hamwe, maze bakijukira inzira y’iterambere. Mwomenya ko ico kigega co muri Arabiya Saudite kigiye kandi gufasha gusubiramwo inyubakwa z’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled hamwe n’ugusanura n’ayandi mabarabara yo mu Burundi.

JPEG - 39.1 ko
Youssef Ibrahim Al Bassam, umuyobozi mukuru w’ikigega c’iterambere co muri Arabiya Saudite

Abo bashitsi bo muri Arabiya Saudite bakaba imbere y’uko basubira inyuma bahanye utuganuke na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.