IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yakiriye uwujejwe ibibazo vya poritike mw’ishirahamwe (...)

Umukuru w’igihugu yakiriye uwujejwe ibibazo vya poritike mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika

lundi 9 Ntwarante 2015

Komiseri ajejwe ibibazo vya poritike mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika yakiriwe n’umukuru w’igihugu.

Umupfasoni Aisha Laraba

Umupfasoni Aisha Laraba yakiriwe mu gatondo ko kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 9 Ntwarante uwu mwaka na Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Ubrundi. Uwo munyacubahiro, akaba yakiriwe, inyuma y’abandi babiri bakiriwe mu mpera z’iyi yinga turangije. Abo nabo, akaba ari nka Zhuo Rui Sheng, aje guserukira Ubushinwa mu Burundi hamwe na Georgy Vladimirovich Todua, aje guserukira Uburusiya mu Burundi. Abo bose baje guserukira ibihugu vyabo mu Burundi, bakaba bakiriwe n’umukuru w’igihugu kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 6 Ntwarante.

Abo bose bakiriwe n’umukuru w’igihugu, baje guserukira ibihugu vyabo, bakavuga ko banezerewe, ko ndetse bagiye kuzobandaniriza aho bagenzi babo bari bagejeje, mu gufashanya kw’ibihugu baje guserukira.

Zhuo Rui Sheng, aserukira Ubushinwa mu Burundi
Georgy Vladimirovich Todua, aserukira Uburusiya mu Burundi

Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.