IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yarungikiwe urwete rwashizweko umukono w’abantu (...)

Umukuru w’igihugu yarungikiwe urwete rwashizweko umukono w’abantu 19000

vendredi 18 Mukakaro 2014

Urwete rwashizweko umukono n’abantu bagera ku 19000 rwarungikiwe umukuru w’igihugu c’Uburundi, umukuru w’igihugu ca Congo, uwuserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika mu Burundi hamwe n’uwuserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi.

Vital Nshimirimana, aserukira ishirahamwe FORSC

Vital Nshimirimana, aserukira ishirahamwe FORSC yamenyesheje kuri uwu wa gatanu wa 18 Mukakaro, urwete rwarungikiwe izo ndongozi zine, ari urusaba ko hoba amatohoza ku vyerekeranye n’ibirwanisho bivurwa ko vyatanzwe ku rwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD. Urwo rwete rugasaba kandi ko hoba amatohoza ku bivurwa ko hari n’urwaruka rw’Uburundi rwoba ruriko ruragira imyimenyerezo ya gisirikare mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Naho hashizweko umukono abantu ibihumbi 19 gusa, Vital Nshimiramana yamenyesheje ko bari kurenga kuko mu bantu bashizeko umukono kuri urwo rwete hari abagiye baraburabuzwa mbere bamwe muribo barapfungwa bica bituma hari abagira ubwoba bwo gushirako umukono.

Icatumye barungikira urwo rwete uwuserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE, yamenyesheje ko ari kubera ko iryo shirahamwe, mu kwezi kwa kane ariryo ryemeje biciye mu rwandiko rwo mu kinyegero ko hariho ibirwanisho vyoba biriko biratangwa.

Akavuga ko bari baje kwibutsa ko ishirahamwe BNUB rifise uruhara rwo gukora ku buryo ivyo bintu bimenyekana bikaja ahabona kugira abantu ntibazohave barwa mu kaga kandi bari baburiwe. Ikindi naco, kwari ukwibutsa ko mu gihugu giharanira intwaro rusangi ya Congo, ishirahamwe mpuzamakungu ONU rifise uruhara ntangere mu kurwanya bene iy mirwi yose bita “les force negatives”, baba abava mu bindi bihugu canke abagiye barava mu Burundi.

Pacifique Nininahazwe

Pacifique Nininahazwe akavuga ko bitumvikana ukungene ishirahamwe mpuzamakungu MONUSCO riri muri Congo ataco ririko rirakora muri ivyo bibazo haba ku bivurwa ko hari aba FNL canke iyindi mirwi yoba iriyo, abe ariyo ibiheza bikanatuma bavuga ko hari abarundi boba bajayo kugira baje kurwana n’iyi mirwi iriyo.

Amashirahamwe yashikirije urwete, ariyo FORSC, FOCODE, APRODH hamwe n’amashirahamwe y’abamenyeshamakuru, akaba yasavye umukuru w’igihugu kudafata minenerwe akamo yatewe n’abanyagihugu kuko abantu bagera ku bihumbi 19 atari igitigiri gito.

Mwomenya ko ayo mashirahamwe avuga ko Reta y’Uburundi, abashingamateka n’umuhuza w’abarundi bafashe minenerwe ico kibazo mu gihe haciye amezi ane havurwa ko hoba hariko haratangwa ibirwanisho mu Burundi, ariko ntibashireho umurwi w’amatohoza.


Mariella Bukuru

Messages

  • mbese ibitababaje patiri vyobabaza umukorezi?

  • ABO BANTU MBONYE KURIZO FOTO, NTACO BANZE ATARI UBUGORO. ABANTU IBIHUMBI 19 MUMILIYONI ZITANDATU ZABARUNDI???????????? AHUBWO JEWE NARINABIBABWIYE KO, HAMWE MUTARONSE AMASINYATIRE IMILIYONI 2 BAZOCE NAMWE BABATWARA MURI ENFIRIMERI KUMUSAGA, IKIBANZA KIBUZE MUJE KUMUREMBWE. MURABONYEKO ATABANTU MUVUGIRA, KUKO ABO MUTUBWIYE ARI ABAGIZE IMIRYANGO YANYU!!!!!!!!!!!!!!!!!!!! REKA TURI NDIRE INYISHU MUZORONKA!!!!!!!!!!!!!!!

  • ABO BA JENOSIDERE BO MURI KAMINUZA YUBURUNDI, MBONA BABEREWE NIYO MIPIRA YINFASHANYO!!!!!!!!!!! HAHAHAHA

  • MUKINDA MUGARAMYE!!!!!!! MUKINDA MWUBAMYE!!!!!!!!!! MWAMBARA IVYATSI BIBISI KUMITWE!!!!!!!!!!!!! MURONDERA AKAGOZI KOKWISHIRA MWIZOSI!!!!!!!!!! AMATORA AZOGENDA NEZA CANE!!!!!!!!!NGIRANGO URUTONDE RWINGENE AZOGENDA RWABASHIKIYE. HIHIHIHIHIHIHIH

  • AMENYO ARAGUTWENGA ARAYAWE, HAHAHAHAHAHA PACIFIC YAMA ATUBWIRAKO FORSC IHURIKIYEMWO URUNANI RWAMASHIRAHAMWE IBIHUMBI BITANU!!!!!!!!! SIVYO GAYEMWE!!!!!!!!!!! NONE MURI YA PETISIYO YAGIRISHA, NGO YARONSE AMASINYATIRE IBIHUMBI 19 YARUNGIKIYE UMUKURU WIGIHUGU, SIKO BAVUZE!!!!!!!!! ABANTU MWIZE IBIHARURO MWONFASHA, JEWE ATABIHARURO NIZE, MUFATE ABANTU IBIHUMBI 19 MUGABURE NAYAMASHIRAHAMWE IBIHUMBI 5000 MUCE MUMBWIRA IGITIGIRI CABANTU ISHIRAHAMWE RIMWERIMWE RIFISE MUZOBA MUKOZE.

  • Abo barabuze ihero ryumuti,nibabandi nyene ntibigera bahinduka,jewe nari nabibabwiye nti ko RUFYIRI yitanganije,ntimurindire gato muzoce mwunva Pacifique,na vital,na muhozi,none ntimubona kwatanimisi ibiri iheze,baciye biyarura ngabo nabo mumyiyerekano yo munyandiko.ariko MANA yacu dusenga abo bantu iherezo ryabo riziba irihe????.abo bantu jewe bari mubantu bantangaza caaaane gose,nobamenyesha nongera ndabacira akagani kabasokuru, ko kizira gukora mujisho umugabo Atari so.nimureke kwimenyera mwabantumwe,igihugu kirimwo ABAGABO!!!!!!.nabakebura nsibatuka.kuko kizira gutukana.

  • Birasiguritse ko abantu ibihumbi19 kwaribo baterekwa president NKURUNZIZA!!!,nukuvuga nabo badashaka koyokwitozo kwizina ryatwebwe abarundi,rero mwabantumwe ibihumbi 19 ,ntimuzomutore,amajwi yanyu muzoyahe Leonce na pacifique kuko nawe amatwi ansumira ngwazitoza,ayasigaye muzoyahe GWASA,abandi barundi twese turenga imiriyoni 8,5 tuzomutore nyakwubahwa,UMUGABO W’ABAGABO:presidant NKURUNZIZA [email protected] tuzoze twivuye inyuma,tuzosudukane niyonka,abazotangara bazotangare.

  • Kuki mwahagurukiye Leta Mputu gusa kurusha izanyu zatujanye murayo yose turimwo, ntimwikwegere twobamara.

  • Ku miriyoni 8 dufise iryo ni ima rimwe riguye mu mazi jewe nagira n abarundi bose!! Ni mureke kudutesha umwanya

  • Mwebwe mwese murantangaza.kugira aho wegamiye sibibi kibi nukuba impumyi.kubwanje naho yoba umuntu umwe gusa muri 9millions abona ko har,ikitagenda neza akakivuga ntitwocanka kuko Rwagasore,NDADAYE yaba kwarukuraba ubwinshi ntibari gukora ivyiza nkivyo bakoze.

  • uwuda shaka gutora muburundi nari ndire azotora 2017 azotore uwo akunda

  • Abo batutsi ntibakomeye mumitwe yabo,ubu rero mwaronse ikiraro mujabukirako citwa Mbonimpa,mwataye imitwe,mugabo ntantambwe mushobora gutera.turababona mwese,musara mureka tuguma tubitegereza utwo mwigira.musare tubacumite ingumu,ubu sibimwe vyaho hambere aho mwaduturiza amapine.

  • Mbe abo bagabo BA Pacique, Vital, Rpa , Kazoviyo bazosubira kuvuga ivya nyakurization nibaba barakurikiye kabizis zo ku wa 17 na 18 July? Leonce, Domitien na Minani badusizemwo kimwe kubusa

  • Wewe wiyise "MURI KUMUSHIRO", uti :" Kuki mwahagurukiye Leta Mputu ........................... ntimwikwegere TWOBAMARA" . Mwomara ba nde? Wewe nande musangiye uwo mugambi? Sinahora nkunda kuvuga nabi kuri uru rubuga ariko reka ndakwite "IKINTAZI/UMUKEHABWENGE". Ijambo "KUMARA ABANTU" ukinisha urarizi ico rivuga wewe? Nizo nyigisho muhabwa mumugambwe wawe (ntazi)? Wewe wihenda ko ushobora kumara abandi muri 2014, umutego uri hafi kugucakira mw’izosi. Ikibabaje ni des generations et de generations muzokwegera ivyo zitazokwitura, mwebwe muri gukingira UTWO TUZU TWANYU NA TURIYA TUMODOKA mubonye ejo bundi naho nyene kubera mwivye Leta.
    Birababaje pe!!!!!!

  • Wewe wiyise "MURIKUMUSHIRO", uvuze uti: ".....................Kuki mwahagurukiye Leta Mputu gusa kurusha izanyu zatujanye murayo yose turimwo, NTIMWIKWEGERE TWOBAMARA". Ndakubesheye???
    Reka nkwibarize kandi uje kunyishura:
    1. Mwomara ba nde? 2. Wewe ufatanije na bande?
    Reka ndakugire inama:
    Jewe sinahora nkunda kuvuga nabi kuri uru rubuga ariko numva ntokwihanganira umuntu nkawe eka n’abandi bose musangiye ivyiyumviro. N’ukuri uri "IKINTAZI/UMUKEHABWENGE" wew ukinisha ijambo "KUMARA ABANTU". Uzi ico bisigura? Mu ndimi zo hanze vyitwa "GENOCIDE".
    Ncuti Cira birarura, ubwire n’abo bose muhora mubiganira ico kintu kibave mubwonko kurya Ibere rya nyoko ryakuvuye mubwonko.
    Abarundi dukunda Uburundi nabo dusabire igihugu cacu birya uyu muntu (nako iyo nyamaswa yaturiye kugihugu cacu) Imana ibikirinde. Aaaaaameeennn!!!!!!

  • Muri make uwuja gusiga uramurindira ni mubareke turabe ivyo bikoza ico bomenye nuko atari bimwe vya kera.

  • Nkajewe Mama, ndevye uko Muri kumushiro yavuze nkongera nkareba inyandiko yuwiyise Nkunduburundi Ndayihypolite, jewembona bafise ivyiyumviro bisabose! ntawarikwiye kuneguruyundi! Ndabigereranya numusuma yogenda kwiba ipine yimodoka maze mugihe ariko arugurura amaburo yipine’ hakazuyundimusuma akajakurundiruhande agatangura kwugurura amaburo yipine atazikohariho ikindigisuma kurundiruhande, maze bagatangura kubwirana ngo wagisumawe uyundi ngowagisumawe!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!! noneho bakaruhira gufatwa nabahita batari ibisuma, Ngaharero abataribake bamazegusoma ivyomwanditse mwese ukomuribabiri turabafashe kukomwese murahuje umugambi.Gusa iconanje ntohakana nuko uwowese azowaca tuzowumuzimirizako utarashika kubabanyi, mwibuke 93 wakirije Bujumbura mukwica umuhisi Ndadaye ucurarandagata mumakambiyose yagisirikare bosebasanzara mugihugukwihinkumbi abandinabo bacabawakiriza mubanyagihugu ngobirwaneko maze bababakuyehonakariho abasoda sukurasa urusasu bivayo mubana ,mubakecuru ,mubagore ,mubagabo ,mumisore hose ngiramurazi icurufaya rwamasasu gisigura Abaribabanye mumagorwa nomumahirwe batangura kwitana abasi nokwicana bidasigayinyuma. Ngivyorero ivyotwitako uwuzowucana kodutegerezwa kuwumuzimirizako utarashika mubabanyi, ababanyi nabahe nayomoko agize abarundi, canke abobanywanyi bimigambwe itandukanye tugirubumwe niterambere mu Burundi bwose( iterambereryambere namahoro nshatse kubibibutsa kukohariho aboca bavugango iterambere ngoniryabiba umutungo wigihugu) 1st amahoro amahoro niyazoduha kuronka umwanya wokubuza abonona umutungo wigihugu, ndabasavye twese tuvyumvekumweko amahoro ariwomushinge witerambere.

  • Mugabe niwe Yama avuga ati "Zimbabwe will never be again a colony" . Nkuko apartheid, slavery bitazopfa bigarutse ni nkuko igikoloni CA bahima mu Burundi kitazopfa kigarutse. Niyaba abo BA Pacique, Vital, rpa na Kazoviyo baziko bazokoresha BA Leonce, Mugwengezo, Bavuginyumvira, Mbonimpa nabandi mukukigarura, barihenda cane.

  • bugira bwake (u burundi) kandi kubuzimya bizogorana cane

  • Abantu banditse kuri runo rubuga ibijanye n´iyi nkuru nibaza ko benshi bakwiye kuja mu bitaro kwivuza indwara y´amacakubiri. Gushika n´aho umuntu avuga ngo "twobamara" ? Mana!!!
    Ndabona ko ari ivy´amako yashatse kuvuga. Particulièrement yashatse kuvuga kumara abatutsi kubera ko abo bo muri Société civile ariko yabafashe, ariko rero muntu aciyumvira kumara ubundi bwoko azi n´ayahitiye mu karere kacu, interahamwe zashatse kumara ubwoko bw´abatustsi aho zigeze murahabona? Zungutse iki? Est ce que baraheze? None nawe ngo ashaka kuzozigana? Birababaje. Jewe nibaza ko ivyo vyo kumarana ari iciyumviro cigishijwe kuva kera ariko ntaco kimaze kuko iyo bishitse ababikoze basigara bibaza ngo iyo menya. Niko nibaza. Nta bwoko na bumwe bushobora guhera kuko na Hitler yari afise les moyens nyinshi ntiyamaze abayahudi kandi ari wo wari umugambi wiwe.

  • Wewe teza,turakurekuye buturire,yamara nawewe ntudutambukana umutaru,turawukuzimirizako!!,nawe UWUBIZI,nawe urimwo tubiri,mbe none kuki utiyamiriza abo ba pacifique na vital,barufyiri,mbonimpa nabo bandi bashaka guta igihugu mumanga,mbega ko mwama muvuga ngwabahutu bomugwanda bagize genocide yabatutsi,burya nibo bishe HAVYARIMANA na NTARYAMIRA kugira bace bamara abatutsi,canke na batutsi bishi abo ba president kugira bace babandanya ibikurikira,jewe rero ukondavyunva,nuko bagiz amahigwe make ntivyagenda uko baribabiteguye,noho inyuma ya havyarimana ntanuwumuti umuhutu, yarigusigara,icuvuze kubwoko budahera ntubeshe ndagushigikiye.nimuze muratera ivyatsi abo babegiyo rero ntibadushire ahu RWANDA gwahitiye,kandi ntihagire uwuzosubirakugereranya uburundi n’ugwanda.kuko twebwe twarateye intambwe ikomeye,umuhutu,umututsi,umutwa,nabo biyita ngwabaganwa Tutsi,turiyamamura mugushikiriza ikiri kumutima,ariko mugwanda siko bimeze,iwabo haracariho agasorobo,kandi gakomeye,bizoteba gusa ariko muzovyunva canke muzobibona uwuzoba amaze kabiri.

  • ARI KO MANA IGIHUGU KIGEZE HABI!!!!!!!ARI KO UWO AVUZE KO BOMARA ABANTU UWO NI UMUGAMBI BAFISE!!! MUBITEGURA IMANA IBISUKAMWO MABISI.
    NTACO MUZOSHIKAKO MURIHENDA. KA NDI MUKURE MUMITWE YANYU KO PITER AZOKWITOZA UBUGIRA GATATU!!!!!!! NI MBA MU GIHUGU ARI WE ASHOBOYE GUTWARA WENYENE !!!!! ARI TOZA????????,

  • ARI KO HARU MURUNDI ATABONA KO DD YANANIWE GUTWARA ???? UMWAMI AKUNDA IGIHUGU CIWE ABONYE IBINTU BIYANGAYE YA CA YI HA UBUKI!!!!!!!
    NONE DD HASIGAYE IKI??? .

  • emweeee imana ifase uburundi na barundi kuko uburundi bugezehabi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.