IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yatanguje umurwi wo gufasha no gukingira abanyagihugu

Umukuru w’igihugu yatanguje umurwi wo gufasha no gukingira abanyagihugu

mardi 16 Ndamukiza 2013

Mu birori vyari vyatewe iteka n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, umushikiranganji w’abakozi ba Leta, Annonciate Sendazirasa, n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Juma Saidi, umurwi w’igihugu ujejwe gufasha no gukingira abanyagihugu( CNPS: Commission Nationale de Protéction Sociale watanguye ibikorwa vyawo.

JPEG - 46.4 ko

Iryo sango ryo kwugurura icese ibikorwa ryo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 16 Ndamukiza umwaka w’2013, muri Royal PalaceHotel ryari ryitabwe n’abandi banyecubahiro batari bake harimwo umshikiranganji w’amagara y’abantu, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abashingamateka n’abakenguza mateka, ba buramatari b’intara zigize igihugu c’Uburundi.

JPEG - 39.6 ko

Uwo murwi ushinzwe inyuma y’imyaka mirongo ibiri igihugu camaze mu ntambara yasubije inyuma ubutunzi kuva mu mwaka w’1993. Indyane abarundi bahitiyemwo yakweze ihungabana z’inzego, vyatumye imigambi y’iterambere idahabwa ikibanza.

Ubukene bwarashwaye abanyagihugu ku rugero rwo hejuru, buva ku bice 35,1 kw’ijana mu mitumba, gushika ku bice 69,7. Mu bisagara, bwavuye ku bice 32,4 kw’ijana bushika ku bice 65,8, mu kiringo co kuva mu mwaka w’1990 gushika mu mwaka w’2006.

JPEG - 37.4 ko

Umushikiranganji w’abakozi ba Leta, Annonciate Sendazirasa, ariwe nawe yafashe ijambo ubwa mbere atanga ikaze, yakengurukiye Nyenicubahiro umukuru w’igihugu we yatanguje uwo murwi , aho mbere yamenyesheje abandi n’abamenyeshamakuru ko urwo rwego rw’igihugu rutaje gusubirira ibindi bisata vyakora ibijanye no gukingira no gufasha abanyagihugu, nka ca kigega INSS, kiziganiriza abakozi. Sendazirasa Annonciate yibukije ko ahubwo uwo murwi uje gusahiriza, ushobore kugera kure, mu bisata vyose bikingira ubuzima bw’umunyagihugu.

JPEG - 68.7 ko

Abarongoye intara zo mu gihugu c’uburundi basabwe n’umukuru w’igihugu gusigurira neza abo batwara ibijanye n’uwo mugambi gutyo bawuhurumbire, kuko vyagaragaye gukingira no gufasha imirwi y’abanyagihugu ba ntahonikora ariyo nzira ishika mu kurwanya ubukene.

Imyitwrariko ya Leta y’Uburundi izoshirwa mu gushinga ikigega kizofasha gukemura ibibazo impunzi n’abatishoboye bahura navyo mu buzima bwa minsi yose. Imigambi mito mito ibeshaho imiryango izoshigikirwa kugira ubukene n’inzara bituzwe mu gihugu. Ishirwa mu ngiro ry’ihangiro ry’uwo murwi rizofasha kurwanya amikoro make yugarije abanyagihugu ryongere rihamagarire abenegihugu gufatana mu nda no kububatira amahoro twaronse inyuma y’intambara twahozemwo.

JPEG - 56.2 ko

Tubamenyeshe uwo murwi w’igihugu ujejwe gufasha no gukingira umunyagihugu washizweho n’itegeko ry’umukuru w’igihugu nimero 100/237 ryo kuwa 22 Myandagaro umwaka w’2012, riraba ishirwaho,itunganywa, igikorwa c’umurwi w’igihugu ujejwe gukingira no gufasha abanyagihugu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.