IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yatanguje umwaka w’ishure muri kaminuza ya gisirikare (...)

Umukuru w’igihugu yatanguje umwaka w’ishure muri kaminuza ya gisirikare Iscam

lundi 18 Ntwarante 2013

Kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 18 Ntwarane 2013, umukuru w’igihugu c’u Burundi Nyenicubahiro petero Nkurunziza, yatanguje umwaka w’ishure wa 2012-2013 mw’ishure kaminuza rya gisirikare ISCAM Institut Supérieur des Cadres Militaires. Iryo shure rimaze imyaka 38 ritangujwe, rikaba rimaze kuramura intwazangabo zirenga 2632.

JPEG - 50.4 ko

Ku gihe c’isaha zine n’iminota cumi n’itanu niho ibirori vyatangura bikaba vyari vyatewe iteka n’abandi banyacubahiro, nk’abashikiranganji batandukanye harimwo uwo kwivuna abansi no gukurikirana abahoze ku rugamba, abashingamateka n’abakenguzamateka, abategetsi mu nzego z’ubutungane ,umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare, intwazangabo mu gisirikare, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi, umuyobozi w’ishure rya gisirikare ISCAM, abayobozi b’amashure atandukanye ya kaminuza n’ay’isumbuye, urwego rw’abigisha, n’abandi.

JPEG - 43.7 ko

Mw’ijambo ryiwe, nyenicubahiro umukuru w’igihugu yakeje inzego za gisirikare ku bikorwa biteye iteka bakorera mu gihugu no mu makungu, mukwibutsa uruhara zifise mu kubungabunga amahoro no mu kwubahiriza imbibe z’igihuhu, ivyo navyo bikava ku bumenyi buhabwa intwazangabo.

Yakengurukiye n’ibihugu bidahengeshanya gufata mu mugongo ico gisata nka Leta zunze ubumwe za Amerika, Pays Bas,Ubushinwa,Ethiopie hamwe n’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’akarere k’ubuseruko.

JPEG - 44.4 ko

Ibirori vyabandanirije mu gutanga impapuro z’imitsindo ku mikangara icumi yo mu murwi wa 38 hamwe n’ibisikanya hagati y’uwurongoye abanyeshure wo mu murwi wa 40 n’uwo mu murwi wa 41.

Mw’ijambo ryiwe, Umukuru w’igihugu yarangije yipfuriza ikaze mu rwego rwa gisirikare ku banyeshure bagize umurwi mushasha wa 43.

JPEG - 47.2 ko

Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.