IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yifatanije n’abanyagihugu bo muri komine Mwumba

Umukuru w’igihugu yifatanije n’abanyagihugu bo muri komine Mwumba

samedi 16 Ruhuhuma 2013

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yifatanije n’abanyagihugu bo ku mutumba wa Buye,komine ya Mwumba,mu ntara ya Ngozi mu bikorwa rusangi vyo kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 16 Ruhuhuma.

Ivyo bikorwa rusangi vyari ivyo kwubaka igisenge c’ishuri y’imyuga iriko irubakwa k’umutumba wa Buye.

Inyuma y’ibikorwa rusangi,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaciye yemerera imiryango 26 yubatse inzu ikoresheje amatafari ahiye,amabati 50 k’umuryango umwe umwe kugira abazoyakoreshe mu gusakara.

Umukuru w’igihugu yaciye aronka n’akaryo ko kwifatanya n’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD mu birori vyo kwipfurizanya umwaka mushasha.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.