IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’inama nkenguzamateka yarafashe urugendo aja i Kinshasa

Umukuru w’inama nkenguzamateka yarafashe urugendo aja i Kinshasa

lundi 21 Nzero 2013

Umukuru w’inama nkenguzamateka Gabriel Ntisezerana yarafashe urugendo aja i Kinshasha mu nama y’amanama nkenguzamateka bo mu bihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini.

Kuri uno w’Imana igenekerezo rya 20 Nzero 2013,umukuru w’inama nkenguzamateka Gabriel Ntisezerana yarafashe indege aja i Kinshasa umurwa mukuru w’igihugu ca republika iharanira demokrasi ya Kongo mu nama igira gatatu y’abakuru b’amanama nkenguzamateka bo mu bihugu vy’akarere k’ibiyaga binini.

Iyo nama bikaba bitegekanijwe ko izoba kuva kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 22 gushika kuwa kane igenekerezo rya 24 Nzero umwaka w’2013.

Mu bizokwihwezwa rero,harimwo icegeranyo c’ivyaranguwe mu mwaka uheze w’2012,ibijanye n’umutekano muri Sudani y’epfo na Sudani yo m’uburaruko,umutekano muri Kongo hamwe no mu gihugu ca Centrafrika.

Muri iyo nama kandi hazoba kwemeza umugambi ngenderwako wo kuva mu mwaka w’2013 gushika mu mwaka w’2017,kwihweza akamaro k’uwo mugambi mu kurwanya amabi akorerwa abakenyezi hamwe no gutora igihugu kizokwakira inama izoba mu mwaka uza w’2014.


Grâce Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.