IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umumenyeshamakuru Eloge Niyonzima yinjiye ibohero rikuru rya (...)

Umumenyeshamakuru Eloge Niyonzima yinjiye ibohero rikuru rya Bubanza

mardi 16 Kigarama 2014

Umumenyeshamakuru Eloge Niyonzima akorera RPA i Bubanza yaraye ijoro ryiwe rya mbere mw’ibohero rikuru rya Bubanza, akaba yagirizwa ko yagize uruhara mw’ikubitwa ry’Imbonerakure Irakoze Jean de Dieu. Mw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru mu Burundi basaba ko yorekurwa kuko ariko agirwako irementanya.

Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, umumenyeshamakuru Eloge Niyonzima akorera insamirizi RPA (Radio Publique Africaine) mu ntara ya Bubanza, niho yafatwa yagirizwa ko yagize uruhara mw’ikubitwa rya Jean de Dieu Irakoze, imbonerakure y’umugambwe CNDD FDD yakubiswe arashaya, ubu akaba ari indembe mu bitaro. Uwo yakubiswe avuga ko yiboneye abamukubise, agashiramwo na Eloge Niyonzima, umumenyeshamakuru wa RPA i Bubanza.

JPEG - 45.9 ko
umumenyeshamakuru Eloge Niyonzima akorera insamirizi RPA (Radio Publique Africaine) mu ntara ya Bubanza

Mw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru mu Burundi (UBJ : Union Burundaise des Journalistes) bariyamiriza irementanya ririko rikorerwa umumenyeshamakuru Eloge Niyonzima, ivyo bakabivuga mu gihe n’abandi bafashwe bagirizwa gukubita imbonerakure Jean de Dieu Irakoze bemeza ko yakubitiwe mu kabare barimwo bose, ariko Eloge Niyonzima akaba yari yamaze gutaha. Aho mukamenya ko imbonerakure Jean de Dieu Irakoze yakubiswe isaha umunani z’ijoro (2h du matin), mu gihe abari mu kabare bavuga ko umumenyeshamakuru Eloge Niyonzima yatashe isaha zitanu z’ijoro (23h).

Mw’ishirahamwe UBJ ry’abamenyeshamakuru mu Burundi bariyamiriza itotezwa rikorerwa uwo mumenyeshamakuru mu ntara ya Bubanza, rikaba ritabaye irya mbere, kuko asanzwe afise n’urubanza mu butungane, aho yitwariye abamukubise. Alexandre Niyungeko arongoye UBJ asaba ko uwo mumenyeshamakuru Eloge Niyonzima biboneka ko vyari vyateguwe ko atabwa mu mvuto yorekurwa atakirinze gusabwa, kuko n’inyamiramabi (OPJ Aloys Surwavuba) afise urwo rubanza yagumye ahiga ko ategerezwa gupfungwa. Muri UBJ bakiyamiriza iyo ngingo y’ugutoteza abamenyeshamakuru imeze nk’iyabaye umugenzo, cane cane muri iyi minsi amatora yimirije.

Tubamenyeshe ko agiheza kwumvirizwa ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, umumenyeshamakuru Eloge Niyonzima yarekuwe, ariko akabwirwa ko yorindira ntatahe. Umutahe wo kumwinjiza ibohero rikuru rya Bubanza aho yaraye ijoro ryiwe rya mbere wahavuye usohorwa na Rosalie Nahishakiye, icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Bubanza.


Egide Nduwimana

Messages

  • Funga iyo nkozi yikibi ahubwo mwari mwaratevyekuko nanje iyo mission yarayimpaye ndanka

  • BIRATEYE ISONI GUFUGA UMUNTU ATACO AZIRA BANYABUBANZA MURAGABE AKAREGANYO KABASHWAYEMWO.murakoze

  • Tenez, personne ne peut etre mise en détention préventive que si il y a des indices sérieux de culpabilité et aussi losque tous les élements légaux de la détention préventive sont réunis.

    Rappelons aussi que la liberté est de principe tandis que la détention est une exception.

    De par cet article, rien ne prouve la part de resposabilité de ce journaliste. cela étant, pourquoi le Ministère¨Public qui est le garant de la loi est la première àla tragresser ? Dommage pour tout le sytème judicaire burundaise car " AKARI MU MPENE NIKO KARI NO MU NTAMA §§§§

    En attendant les enquetes judicaires en cours, j’interpelle ànotre justice burundaise de bien vouloir faire respecter la loi si réellement elle se veut elle-meme etre respecter!!! si non, elle sera craché par tous le monde et par conséquent, une honte pour notre pays!!!

    Que ce journaliste soit libéré sans aucune autre condition et que les enquetes soient faites en toute impartialité et sans aucune influence de l’éxecutive, encore moins le parti DD.

    Abo bacamanza biyita ko bariko barakorera uyu canke uriya aho gukoresha no gusoma neza amategeko y’igihugu cabaretse habanje gukoreshwa uburyo bw’urya munyagihugu bariko baratoteza bamenye ko atagateka bibaha ahubwo bariko barica carrière professionnelle yabo kandi babimenye babimenyere imana izobaha impera y’ikibi bakoreye umunyagihugu bahohoteye.

  • Uwonibamufunge asigayemengo nuwamuroze asigaye aringare mubantu. Hanyuma kubandika bimaziki igihe muvuze izinarywakubiswe kurindakuvuga ngoyakubise Imbonerakure? Nimiburiburi hakubiswe nkumu polisi w’igihugu kubwira abantu ati hakubiswe umuntuyitwa uyunuyu ati akabarumu polisi wigibugu vyokumvikana.

  • URUCIRA MUKASO RUGATWARANYOKO KWIZERA WE,IKIBI YAGKOREYE ABARUNDI NI IKIHE?UMUHORA KWATABARIZA ABARUNDI BARIKO BAHOHOTERWA NABOBAKINGIYE?KOYAGUHAYE MISSION UKAYANKA KUKI UTAMUSHENGEJE?AHUBWO NI WW URI UMUMENJA WUMVA UWUTEGURA IKIBI NTURYE AKARA ABAJEJWE UMUTEKANO.URAKWIYE KUGIRWAKO AMATOHOZA KWERI KUKO NTIWERA,NGIRE NIWW URI HEJURU YIRYO REMENTANYA

  • abo bigira bantakogwako, ntibari hejuru y’amategeko.

  • UKURI NTIKUZIKWA TIME WILL TELL.

  • Emwe ba ndugu zangu, yarakubiswe harabura uwofata amasanamu yatuma ukuru kumenyekana?

  • None Karashize Ingani Umumenyeshamakuru Abe Infaillible?Nimureke Ikibi N’uko Yorenganwa,mvuniye Akagohe Abanyamakuru Ko Mubandinije Iyo Mpengamo Na Solidarité Négative Turaheba Kubumviriza Twiyumviririzo Amaradiyo Yohanze Hoho Hari Abanyamakuru Bize Neza Umwuga Badakorera Ku Ma Emotions!

  • iyo mvugo yuwo yiyise kwizera iragayitse.kuki yahawe iyo mission ntace abi renseignant vuba?iyo mvugo niyo gukokeza.Eloge, Imana iramubona kandi izomutunganiriza ugutandukanye nivyo bamwe muritwebw abarundi tumwipfuriza,dusengere ubutungane bw’Uburundi.

  • Nuyo nabe nka ya ntama turabe hahah

  • Mbe wambonerakure wiyita Kwizera mbe urasara wewe!! Unomunsi nuyo ejo niwewe ntubishimire aboba DD banyu ejo bazoguhinduka nkakomunda uyo baramurenganije utanguye guta umunwa ubuze ivyo wandika upfuma wihorera ntagishasha kirimwo kuko iyo ntwaro ya CNDD FDD yamye itoteza abamenyeshamakuru kuva bakija kubutegetsi muga nimwihangane ibisaka vyimbwa vyabashanye babonye kwatariheza 2015 hahahaaaa

  • Eloge, we keep you in our prayers. God will defeat those who think they are invincible. Abandi bagenzi mufunganwe mwihangane turikumwe ntimwihebe. Maman Eloge, famille ya Benny n abandi mwihangane. One day all this will end. Bibagirwa ko Imana ihora ihoze! Kajisho n a pas servi de leçon aux autres qui pensent qu ils peuvent se prendre pour Dieu. Banya Bubanza turi kumwe. We will always have you in our hearts

  • C’est triste, Eloge kabisa wihangane, Imana irakubona ntaco uzoba. Keep strong.

  • ico nobamenyesha nuko bimaze kumenyekana ko abamenyeshamakuru ba RPA bemerewe ubuhungiro mu ma ambassade niyo babona ko CNDD-FDD bahawe mission yo kuyicafuza bivuyemwo intambara. Mwa ba sans échecs n’abana mutabonye intambara mwari mu vyumba mwiyagaza aho mushaka abahutu bariko barapfa, kora amakuru mwatohoje canke muje muri CHAIRE UNESCO babigishe kandi. Na Gilbert kuva agiyeyo mbona yabaye umumenyeshamakuru . Va mu mpuha muduhe amakururo yo, rien que la vérité si non bazobatina

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.