IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki yarekuwe

Umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki yarekuwe

mercredi 6 Ntwarante 2013

Inyuma y’umutaga kuri uyu wa gatatu italike 6 ukwezi kwa Ntwrante 2013, isaha umunani n’inusu niho Hassan Ruvakuki yasohoka ibohero rikuru rya Muramvya. Ku rupapuro rwo kumurekura handitseko ngo’’Umushikirizamanza kizigenza wa republika yafashe ingingo yo kurekura Hassan Ruvakuki kubera imvo z’amagara kugira aje kwivuza’’.

Amaze gusohoka ibohero rikuru rya Muramvya, umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki akorera iradiyo y’abafaransa RFI na Bonesha FM, yavuze ko anezerewe cane. Isaha icumi n’iminota 30 yarashitse mu muryango iwe muri komine Buyenzi mu gisagara ca Bujumbura.

Ateruye umwana wiwe w’umukobwa yavutse se amaze gufungwa Hassan Ruvakuki yavuze ati ‘’Ndanezerewe cane kubona nsubiye mu muryango wanje hamwe no kubona akana kanje ntaribwabone. Narekuwe ivy’agateganyo kubera imvo z’amagara ariko ndizeye ko muminsi mikeya nzorekurwa burundu’’.

Hassan Ruvakuki yarekuwe kw’itegeko ry’umushikirizamanza mukuru wa republika. Ku rupapuro rwo kumurekura handitswe ngo ‘’Aronse uruhusha rwo kuja kwivuza kubera amagara yiwe’’.

Uwumuburanira Maitre Fabien Segatwa amenyesha ko ari intsinzi ko uwo aburanira arekuwe.

Patrick Nduwimana arongoye iradiyo Bonesha FM amenyesha ko ikigiye gukurikira ari uko Hassan Ruvakuki azoca arekurwa burundu. Yavuze ko uko vyokwitwa kwose, ari intambwe ku bamenyeshamakuru ko mugenzi wabo yarekuwe. Amenyesha ko ata nkeka Ruvakuki azokwezwa kuko ata caha yagirizwa.

Umukenyezi wa Hassan Ruvakuki mu majambo makeya, kubera umunezero mwinshi, yavuze mu rurimi rw’igiswahili ati : ‘’Ntakindi mfise novuga atari ugushima ko nsubiye kubona umugabo wanje asubiye kugaruka mu rugo’’.

Amakuru yo kwizera avuga ko ari umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yoba yategetse ko Hassan Ruvakuki arekurwa kuko buca agendera igihugu c’u Bufaransa, ari naco gihugu Ruvakuki akorera mu Burundi. Ngo yoba yanse ko mugenzi we w’u Bufaransa Francois Hollande yobimubaza.

Amakuru ava mu Bufaransa amenyesha kandi ko amaradiyo n’ibinyamakuru vyo muri ico gihugu vyari vyafashe ingingo yo gukorera hamwe ikiringo cose umukuru w’igihugu azomara mu Bufaransa. Ikindi naco n’uko abategetsi bose bo mu Bufaransa ngo bari barindiranye igishika cinshi Prerezida Nkurunziza kugira bamubaze ifungwa rya Hassan Ruvakuki. Harategekanijwe kandi ikiganiro c’isaha n’iminota 30 umukuruw’igihugu azogirana n’abarundi baba mu bihugu vya Bulaya. Ikibazo nyamukuru cari kubazwa nk’uko abariyo babivuga ngo n’icerekeye Hassan Ruvakuki.

Sendika y’abamenyeshamakuru bose bo mu Bufaransa SNJ baheruka kwandikira ikete umukuru w’igihugu Francois Hollande imusaba ko yogondoza mugenzi we w’u Burundi ko yokubahiriza ubwigenge bwo kumenyeshamakuru mu gufungura Hassan Ruvakuki.

Uwo mu menyeshakuru yari yafashwe mu kwezi kwa Munyonyo umwaka w’2011 yagirizwa gukorana n’imigwi y’iterabwoba. Sentare nkuru y’intara ya Cankuzo yari yamuciriye gufungwa ubuzima bwiwe bwose. Mu nyuma, yarunguruje urubanza muri sentare isubiramwo imanza i Gitega. Aho yagirijwe gukorana n’ishirahamwe ry’abagizi ba nabi aca akatirwa gufungwa imyaka itatu.

Hassan Ruvakuki yafashwe n’urwego rw’iperereza. Yaravuye kurondera inkuru aho yahaye ijambo uwurongoye umugwi w’abarwanyi wavukiye mu gihugu ca Tanzaniya, wari watangaje ko ashaka kurwanya Reta y’u Burundi.

Asohotse ibohero rikuru rya Muramvya amazeyo umwaka umwe n’amezi atatu.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.