IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umumenyeshamakuru Nestor Niyonkuru yaraye yitavye Imana

Umumenyeshamakuru Nestor Niyonkuru yaraye yitavye Imana

mercredi 13 Ntwarante 2013

Nestor Niyonkuru yahoze ari umumenyeshamakuru kw’i Radiyo-Televiziyo vy’igihugu c’u Bururndi yaraye yitavye Imana.

JPEG - 14 ko

Uwo muhisi yari yagiye kukazi kiwe aho yarasigaye akora kuri CNTB (Commission Nationale Terres et autres Biens) kuri uyu wa kabiri,igenekerezo rya 12 Ntwarante 2013,niho yaca yumva atamerewe neza,abo bari bakorana baca bamutwara kubitaro vyitiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore,aho yaca yitaba Imana.

Nestor Niyonkuru yari yarerekanye kwazi neza umwuga wo kumeneyesha amakuru kw’iradiyo-Televiziyo vy’igihugu kandi ahakora igihe kirekire,niwe yavuga amakuru kw’imboneshakure y’igihugu imbere yuko aja gukora muri CNTB,umugwi w’igihugu ujejwe gukingira amatongo n’ayandi matungo ya Leta.

Akaba yarazwi kandi na benshi kw’ijwi rikunze gusohoka ryo kumenyekanisha umurongo w’ikigo ca Econet. Iryo jwi naryo risohoka rivuga:”Econet wireless,inspirez pour changer votre monde”.

Imana imwakire mu bwami bwayo.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.