IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuntu umwe yarapfuye kubera umupolisi yateze umugozi umumotari

Umuntu umwe yarapfuye kubera umupolisi yateze umugozi umumotari

mercredi 6 Ruhuhuma 2013

Mugitondo co kuri uyu wa kabiri igenekreazo rya 5 Ruhuhuma, 2013 umuntu umwe yarapfuye kubera umupolisi yateze umugozi umumotari. Ivyo bikaba vyabereye ku ruzi Ntahangwa iruhande hafi y’ubunywero bw’ igitoro Top 0ne, kw’ibarabara ryitiriwe umunyagihugu w’umurundi.

Mugihe uwo mu polisi yatega umugozi ipikipiki iriko irarengana, umuntu azwi kwizina rya Ngendakumana yari ahetswe n’uwo mu motari yarababaye cane. Inyuma yaho bamushikanye ku bitaro Prince Régent Charles akaba yaciye yitaba Imana. Ariko umumotari we yararokotse.

Inyuma yaho iryo bara rigwiriye abamotari baciye bihereza amabarabara yo mu gisagara ca Bujumbura kugirango bagaragaze akababaro bafise. Bakaba bariko biyamiriza ingene aba polisi babafata nabi mu kazi kabo ka minsi yose.

Abo bamotari rero bakaba baciye bagana ku biro vy’igipolisi kijejwe gucungera uruja n’uruza mu mabarabara gusaba ko uwo mupolisi yofatwa agashikirizwa ubutungane, ariko bikaba bitakunze.

Akaba ari co gituma baciye bihereza amabarabara atandukanye kugirango bagaragaze umubabaro bafise bongera basaba ko uwo mupolisi yohanwa bimwe vy’akarorero ngo kuko ivyo atari ubwambere bishitse.


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.