IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umunywanyi wa MSD yavuga ko atarakira yinjijwe ibohero rikuru rya (...)

Umunywanyi wa MSD yavuga ko atarakira yinjijwe ibohero rikuru rya Mpimba

mercredi 28 Rusama 2014

Muhizi Roger, umunywanyi w’umugambwe MSD yahora arwariye mu bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore yanjijwe ibohero rikuru rya Mpimba mu gihe yavuga ko atarakira ku kuboko aho bamurashe kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante, mu mishamirano hagati y’igiporisi n’urwaruka rwa MSD. Abamuburanira bamenyesha ko bagiye kwitwarira umuganga yategetse ko yosohorwa ibitaro kandi ubwiwe yavuga ko yumva akirwaye.

Muhizi Roger, ni umwe mu rwaruka rwafatiwe mu ngoro y’umugambwe MSD ku genekerezo rya 8 Ntwarante 2014. Amaze umunsi umwe afashwe, yaciye ajanwa kuvurizwa ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, kuko yari yarashwe ku kuboko kw’iburyo, ubu ukwo kuboko kukaba kurimwo icuma. Mu muryango wiwe bamenyesha ko batangajwe n’ukubona umuyobozi w’ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore asohora urupapuro rumurungika muhira, rugashikira rimwe n’umutahe wo kumuhagarika. Kuri urwo rupapuro rwo kurungika Muhizi Roger, umuganga yanditse ko uko iminsi itatu izohera azokwama agaruka kwivuza, bigatangaza ingene yokwama ahabwa urwo ruhusha, kandi n’abandi banywanyi ba MSD bajanwe mu Mpimba bakirwaye, n’ubu batararonka uruhusha rwo kugaruka kwivuza.

JPEG - 42.3 ko
Muhizi Roger bamurashe kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante, mu mishamirano hagati y’igiporisi n’urwaruka rwa MSD

Ivyo umuryango n’ababuranira Muhizi Roger bari basavye ko mukurindira ko akira, yoba aragumizwa mu bitaro, kandi ko hoba isuzuma ryerekana namba uwo murwayi yoba vy’ukuri yakize, canke akirwaye kuri ukwo kuboko kwarashwe, vyabaye impfagusa kuko yahavuye aterurwa n’abaporisi bamujana muri sentare ikukira Mairie ya Bujumbura. Nk’uko umushingwamanza Amedé Nzobarinda, umwe mubaburanira urwaruka rwa MSD rupfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba abivuga, Muhizi Roger ntiyashoboye kuburana mu biro vy’umushikirizamanza Floribert Nsengiyumva, kuko yavuga ko yumva amagara akimukitse. Haciye hafatwa ingingo yo kumurungika mw’ibohero rikuru rya Mpimba, akaba yarayeyo ijoro ryiwe rya mbere. Ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore bavuga ko atari umurwayi yivugira ko atarakira, bivugwa n’uwamukurikiranye, ariko ababuranira Muhizi Roger bakamenyesha ko bari kurindira ko haba isuzuma ry’ukwerekana uko amagara y’uwo murwayi yifashe, abaporisi bakabandanya bamucungiye aho yari arwariye nk’uko vyari bisanzwe. Umushingwamanza Amedé Nzobarinda amenyesha ko bagiye kwitwarira ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, hamwe n’abazanye umutahe w’uguhagarika Muhizi Roger, bakamwuriza mu muduga ari ku gatanda karyamako indembe.

JPEG - 35.8 ko
Umushingwamanza Amedé Nzobarinda, umwe mubaburanira urwaruka rwafatiwe ku ngoro y’umugambwe MSD

Bivanye n’ivyo vyakorewe Muhizi Roger, umunywanyi wa MSD, tubamenyeshe ko urwaruka rwo mu runani ADC Ikibiri rwari mu nama yari yatunganijwe n’umuhuza rwaciye rusohoka, kuko kubwabo bitumvikana ingene boba bariko bigishwa ingene urwaruka rwobana mu mahoro, hama umwe muribo agaca akurwa mu bitaro kugira ajanwe gupfungwa atarakira. Iyo nama hagati y’urwaruka rwo mu migambwe n’umuhuza w’abarundi yari kumara iminsi ibiri, ikaba yariko ibera muri Hotel Source du Nil kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri.


Egide Nduwimana

Messages

  • Jewe ndavye ibigoye Uburundi sibyo reta yitayeho:Raba twatewe n’Urwanda hama reta yo yitayeho gufunga abadyamye mu bitaro?Come on guys,batwake igihugu turaba pe?

  • Ahorero, Alexis Sinduhije, arikwarareba iyifoto yibereye Bulaya. Ariko kubera ababanye politique batwifatiye uburero acahera kwiyifotonyene mukudandaza avugango terera mwabarundi ningoga turebe kotwokwikurako buryabutegetse, mazerero yababwira kwavugana natwatuzungu basanzwebakundana babarundi mukumuha amafaranga bakivayo bibaza ngokwavugana nabazungu ngwarashoboye! ndababwiye harikera.

  • mbega aho aryamye nimubitaro vya gisirikare???????????? konzi uyo ari umusirikare yagira ahirike ubutegetsi le 08/03/2014 bikamuta kuwamazi.

  • We sha Nayubuda uvuze ngo LETA ntiyitah’ibigoy’igihugu ntakuntu none wewe wovyitaho gusumba l’ETA maz’aho bukera 2015tukazogohund’amajwi ugatsinda ll’ETA??Ut’urwanda rwaduteye?none wewe na bagenzawe ntakuntu mwojakuba murarurwana natwe tukazobaha renfort cank’urya mugabo mukamuhanura, kukw’atar’aho dans deux semaines tuzoba dufashe Kanombe, atibagiye ko Tanzanie na Congo vyahejeje kwitegura kera kudufasha,IINYENZI Y’ISEMA YURIR’UMURUNDI W’IKIO. UWORUKARISHA.... ?!!!!!umugore ntimumfutir’ivyandi?

  • Ewe Burundi Ewe mbonerakure ni hatari!!muri ibijuju pe!!ruriye abandi ruabibagiye!

  • nakamaramaza kubona umuganga akora iryo kosa: nsavye orwego rwabaganga (ordre des médecins) gufatira ibihano uyo muyobe. wumva hari owoja kumwivuzako atari umu DDD. BIRABABAJE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.