IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Marechal Femi De J’Abat > Umuririmvyi Femi de J’Abat yandikiye urwandiko nkora mutima abashaka ku (...)

Umuririmvyi Femi de J’Abat yandikiye urwandiko nkora mutima abashaka ku mwica

mardi 10 Ntwarante 2015

Umuririmvyi Nsengiyumva Minani Félicien yandika amenyesha ko hari abantu bashaka kumwica. Avuga ko abo bashaka agatwe kiwe bashobora kutakoronka kandi naho yopfa ukuri avuga kuzoguma kwumvikana. Ati:"Ukuri kugoye kwumva ni ko kuri ko kwumvwa".

Nsengiyumva Minani Félicien azwi kw’izina rya Marechal Femi de J’Abat yandika ku rubuga rwiwe rwa facebook, atangura yandika uyu mugani:"ABANTU BICA ISAKE ARIKO NTIBICA ICO YABITSE". Femi abandanya ati:"Abipfuza bose umutwe wanje abaribo bose, nagira ndabamenyeshe kw’ico batankundira co kubakiza kiri mu mutima wanje kitari mu mutwe, ataho utaniye n’uwabo mu butayegayezwa. Abihevyi bihenda bihevye boraguza neza, ntabwoba mfise kuko uri mu biganza vy’Uhoraho umuremyi wabo. Hakunirwa n’Ukuri wonigwa n’uwo ukubwiye !".

Uwo muririmvyi ari nawe yariririmvye ururirimbo ruhayagiza umugambwe CNDD-FDD, abandanya yandika mu ruririmi rw’igifaransa ati:" Imana ntikorera ku mabwire y’abantu’’. Inzira nziza yo kwica umunyabuhinga(artiste) ni kumuha ico akeneye. Gufata ingingo yo kwica intungane bisa n’ugutsindwa. Kwica umuntu nta kuri uba uriko urwanira, ahubwo bisa no kwiyobagiza ko urupfu ari impuzu umuntu wese azokwambara. Umuntu wese arapfa, yomenya ko umunsi umwe azopfa. Urupfu ntawe rwibagira ariko hari ababibagira kubaho.

Ku bw’urupfu, Imana inganisha abantu bose. Hari ukuri gushobora kwica abanyagihugu. Njanye no kwihenda uriko urakora ahakureka gukora kandi hari impambamyi imbere y’umuryango. Uburanga bukuru ni kugumiza amaso yuguruye haba ku muco canke ku rupfu. Uwimbira icobo mugenzi we, ni we yama atangura kukigwamwo. Urashobora kwica Femi ariko ntiwica ukuri. Ukuri kwama imyaka n’imyaka. Kandi ukuri kurababaza cane cane, igihe gukuye ibikeke (illusion). Abantu benshi barakeneye kuvugwa mu mitima ku muco w’ukuri. Abo badashaka guhema ukuri ni uko bataratahura inzira y’ubuzima.

Ukuri kugoye kwumva ni ko kuri ko kwumvwa(La vérité la plus difficile à écouter est celle qu’on a le plus besoin d’entendre). Nta kuri na kumwe kutazomenyekana umunsi ur’izina. Nta kinyegezwa na kimwe kitazoja ahabona. Ni nde yoshobora kwinyegeza ijisho ry’Imana yoyo ibona vyose? Nta n’umwe! Mbega Imana iri kumwe nanje ni nde yoba kubiri nanje?Nta numwe! Uwo muntu wese asesa amaraso y’uwundi nay’iwe azoseswa n’umuntu.
Abumva ni bumve! Muroranirwe!
"

Femi de J’Abat yanditse ayo majambo nkora mutima inyuma y’iminsi idakwiye ukwezi amenyesheje ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza atarekuriwe kurenza imyaka 10 ku butegetsi. Inyuma kandi y’aho vyagurwa ko ashobora kwirukanwa muri CNDD-FDD, umugambwe asaznzwe arimwo.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Akarorero ntikaboneka raba simone gbabo imyaka yaciriwe iyo iyi si umuntu wese yari azi ko atazokwama ho yoseneye uwundi ngira, abantu imana yobafasha bakuguruka amaso boheza bakitonda ewe wasi .....

  • nimemere baguce umutwe.igihe baca iyabandi ntiwahagurutse,none iyo yaraheze hagezweho rwawe nabo ntibawucabwo barakwereka ingene ba babikira babishe naweniko bizogenda kandi birababaje.MUNTU UFISE ICOWOKORA NAKANYA KOGUHAGURUKA KUKO EJO UZOSANGA ARIWEWE UGEZWEHO.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.