IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Umuririmvyi SATB yaratahutse i bujumbura inyuma y’iminsi amaze muri (...)

Umuririmvyi SATB yaratahutse i bujumbura inyuma y’iminsi amaze muri Ouganda

vendredi 25 Nzero 2013

Inyuma yaho asohoreye indirimbo Tanganyika Girl,n’izindi ziri muri studio zitarasohoka,umuririmvyi w’umurundi SAT B yaratahutse i Bujumbura mu karuhuko.

Kubw’ibikorwa vyinshi yariko arakora mukwitegurira kuririmbana n’abaririmvyi bo mu karere ,uwo muririmvyi ntiyashoboye kugira imisi mikuru iheza umwaka hamwe n’umuryango wiwe. Ariko ntivyamukundiye ko agira umusi mukuru w’abakundana
« saint valantin »mu mahanga.

Umuririmvyi SAT B akaba yatahutse mu gihugu ciwe ku musi wambere ,akaba zomara indwi zitatu ace asubira i Kampala ku bandanya ibikorwa vyiwe. Uwo muririmvyi akaba yamenyesheje ko mukuza mu karuhuko yahawe uruhusha n’umu manager wiwe ,ubu nawe akaba yaciye aboneraho gusigara araheraheza indirimbo zizosohoka mu misi iza.

SAT B akaba avuga ko mu misi azomara mu buruhuko,azoboneraho akaryo ko kubandanya imigenderanire n’ibinyamakuru vyo mu Burundi,cane cane ama radiyo n’imboneshakure,ngo akazoshikiriza abakunzi biwe ivyo yarimwo mu misi amaze i Kampala,umubonano yagiranye na Weasle na Radio,yongere amenyekanishe indirimbo yiwe nshasha,Tanganyika Girl.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.