IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Umurwi Best Life Music ntuzovyorosha muri Uvira

Umurwi Best Life Music ntuzovyorosha muri Uvira

mardi 31 Ntwarante 2015

Umurwi w’abaririmvyi ba Hip Hop "Best Life Music" ufise igiteramo gikomeye bazokorera aho muri Uvira. Young na Young Jpy bati tuzotwara umuziki utosoye wakoreye i Bujumbura, abakunzi bacu ntibazokwidoga, umunezero uzoba wose.

Muri Uvira muri Congo Iharanira Itwaro Rusangi ntibizokworoka ku munsi wa Pasika. Igiteramo c’umurwi Best Life Music casabwe n’abakunzi ba "Bar Happiness", kizovuzwamwo indirimbo z’umurwi zakunzwe cane nka Never Sleep bakoranye na Matabaro, High Girl yakorewe muri African Sound Records na Lizer Classic, Big Pain, Don’t Forget, n’izindi nka Ray Ban igiye gusohoka vuba.

Young Dany umwe mubagize umurwi ati:" Tuzotwara indirimbo zacu zikundwa cne kandi zitambika, nka High Girl, ahamagarira kandi abakunzi babo kwishikira kuraba ubuhinga bw’umuziki, kandi babone ko n’i Bujumbura dufise umuziki".

Twashatse kumenya akamaro umurwi wa Best Life Music utanga ku bari muriwo, twegera uwitwa Young Jpy.

Young Jpy ati:"Jewe ndi umu Rappeur wo mu murwi Best Life Music, kuba muri BLM biramfasha cane kuko niyumva nk’uwuri mu muryango, turahanahana ubwenge, turanahanurana. Mu giteramo naho ndazi neza ko umurwi wacu uzobica bigacika".

Tubamenyeshe ko umurwi Best Life Music wavutse mu mwaka w’i 2009, ugizwe n’imisore 5 ariyo: Young Dany, Young Jpy, G, MC Vitaa na GMS ari muri Uganda.

Umviriza urabe isanamu y’ururirimbo "Big Pain" rwa Best Life Music


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.