IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CENI watunganije inama itabonetsemwo ADC Ikibiri

Umurwi CENI watunganije inama itabonetsemwo ADC Ikibiri

vendredi 11 Gitugutu 2013

Umurwi utunganya amatora mu Burundi CENI (Commission Electorale Nationale Indépendante) watunganije inama yo kwungurana ivyiyumviro hagati y’abakuru b’imigambwe n’uwo murwi. Muri iyo nama, abakuru b’imigambwe bamenyesheje ko imibonano nk’iyo yorwizwa kugira abanyepolitike babandanya kuganira uko amatora ariko arategurwa, kuko arivyo bizotuma ibitariko bigenda neza mu myiteguro y’amatora yo mu mwaka w’2015 babiganira. Iyo nama abahurikiye murunani ADC- Ikibiri siho bari

Umushingamateka Festus Ntanyungu, arongoye ihuriro ry’imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi yamenyesheje ko ata ntambwe nini bashobora gutera kuko imigambwe ititaba ku bwinshi amanama atunganwa n’umurwi CENI, n’uwitavye inama imwe adaheza yitaba iyikurikira, ivyo bigatuma badatera imbere kuko baca bama baharira vya bindi nyene.

N’aho mu nama yahuze abanyepolitike yabereye mu Kayanza bumvikanye urupapuro rw’inzira ngenderwako mu matora yo mu mwaka w’2015, Festus Ntanyungu aranegura kubona umurwi CENI utaratunganya ikirangaminsi giherekeza urwo rupapuro rw’inzira. Kubwiwe, umurwi CENI watunganya vuba ico kirangaminsi kuko n’umwanya usigaye kugira amatora abe ari muto cane (amezi cumi n’umunani). Yasavye kandi ko n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yoza aritaba mwene izo nama, canke akarungika uwumwunganira kuko abakunze kumuserukira baba badashobora kwishura bishemeye ku bibazo vy’abanyamigambwe, bigaca bisa nk’uko abitavye inama ntaco bahungukiye.

Mi gihe karangamuntu iri mu bisabwa kugira umuntu atore, hakaba haramaze gutangura uruganda rwo kwandika abanyagihugu kugira bazoronke indangamuntu nshasha zo mu buhinga buteye imbere, umushingamateka Yohani Minani arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri - Iragi rya Ndadaye yasavye ko Leta yogerageza ikagashira ku mafaranga make bose bashobora kuronka. Yisunze amafaranga bivugwa ko izo ndangamuntu zizogurwa (ibihumbi bitandatu vy’amafaranga y’amarundi), Yohani Minani yamenyesheje ko bikenewe n’abafasha Uburundi botererezwa kuko abarundi batari bake botoye bashobora kutaronka ayo mafaranga.

Muri iyo nama yabaye mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu, abari mu migambwe itavuga rumwe na Leta ihurikiye mu runani ADC - Ikibiri batarimwo, aho tukibaza namba aribo batashatse kwitaba, canke boba batari batumiwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.