IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CNTB n’umuhuza w’abarundi bakwiye gukorera hamwe mu gutunganiriza (...)

Umurwi CNTB n’umuhuza w’abarundi bakwiye gukorera hamwe mu gutunganiriza ababitura

samedi 3 Myandagaro 2013

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yahaye umubonano Musenyeri Serapiyo Bambonaniye arongoye urwego rw’igihugu rujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo (CNTB) kuri uyu wa gatanu, mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’amasezerano yo gukorera hamwe mu gihe izo nzego zompi zashizweho kugira zitorere inyishu hamwe y’ibibazo vyoba bibakiye abanyagihugu.

Ibiro vy’umuhuza w’abarundi hamwe n’umurwi w’gihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo (CNTB), basabwa gukorera hamwe kugira bihanahane ivyiyumviro y’ukugene botunganiriza abaje babitura ku bijanye n’amatati afatiye ku matongo n’ayandi matungo, atawurenganijwe.

Didace Sunzu, umuvugizi w’umuhuza w’abarundi, yamenyesheje ko ahanini kwari uguhanahana ivyiyumviro kugira ntibahushe intumbero bahabwa n’amategeko, na rirya izo nzego uko ari zibiri zifise igikorwa kimwe co kunywanisha abarundi ataho zihengamiye ku vyerekeye amatati y’amatongo n’ayandi matungo.

JPEG - 42.8 ko
Sunzu Didace, umuvugizi w’umuhuza w’abarundi

Ku bijanye n’impari zivurwa mu ntara ya Cibitoke ku bijanye n’amatati y’amatongo n’ayandi matungo, Serapiyo Bambonaniye umukuru wa CNTB yemenyesheje ko ibintu biriko biraja mu buryo, mbere ko ubu abantu bamaze gusinyiranira amasezerano yo gusubizanya ivyo bafitaniye, mbere n’amatongo arimwo.

Ku bibaza ko umurwi CNTB woba uhengamiye ku ruhande rumwe, ukarenganya abandi mukubaka amatongo yabo, Serapiyo Bambonaniye yamenyesheje ko mu bikorwa umurwi CNTB ujejwe, kwirukana canke gusohora abantu mu vyabo bitarimwo, ahubwo ko ugerageza gutunganiriza bose.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.