IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi w’ubumwe bwa buraya ucungera amatora uributsa ibigize amatora (...)

Umurwi w’ubumwe bwa buraya ucungera amatora uributsa ibigize amatora meza

samedi 9 Rusama 2015

Umurwi warungitswe gucungera amatoro w’Ubumwe bwa Buraya uramenyesha kurajwe ishinga nibiriko biraba mu Burundi, ukibutsa kandi ko ibihe bigize amatora atekanye kandi ahurikiyemwo bose bidakwiye mu Burundi.

Umukuru w’uwo murwi warungitswe gucengera amatora mu Burundi, David Martin aramenyesha ko naho umukuru w’Igihugu, Petero Nkurunziza aherutse gusohora itegeko rihamagarira abazokwitoza gutangura imyiyamamazo kuri uno w’Imana igenekerezo rya 10 Rusuma, ivyotuma amatora aba mu mahoro bidakwiye mu Burundi. Ivyo akabivuga yisunze ibiriko biraba mu Burundi, aho abantu barenga cumi bamaze kwicwa, kuva imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza itanguye mu gisagara ca Bujumbura no hagati mu gihugu.

David Martin arashima ko Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza yemeye ko imyiyerekano igiye guhagarara, ariko akizera ko ivyo bizoba ari uko hatanguye ibiganiro, ukugurura ama radio yugawe, kurekura abafatiwe muri iyo myiyerekano, kuko ku bwiwe niyo nzira nziza yogushobora gutegura amatora atekanye.

Ariko akibutsa ko bitabaye uko, ubutegetsi bugashaka kubuza ko abarundi biyamiriza ico badashimye, mu gufatira ibihano abari mu myiyerekano hahonyanzwe amatageko mpuzamakungu arekurira abantu kuja mu myiyerekano, iyo nzira bazoba bafashe izoba ari iyijana igihugu mu kaga.

David Martin aributsa ko uwo murwi ucungera amatora w’Ubumwe bwa Buraya uri mu Burundi kuva itariki rya 24 Ndamukiza, kandi ko igikorwa c’uwo murwi ari ukuraba ko ivyankenerwa bikwiye kugira amatora aze abe mu mahoro kandi ahurikiyemwo bose.


Alida S.

Messages

  • Nukuri amakungu narabe icakora kuk biraboneka ko umukur w igihugu atac anezwe kumaraso aseseka y abarundi,mbega yoba ari sebarundi gute ategeka ko babamara?mbega ho barik barapfa azotwara ibiti namabuye?amakungu turabasavy murek kumwirererako kuk arabamaramaj muguhemukir igihug namakungu.abarund twarambiwe.

  • Dusubiyinyuma abonyeba Bulaya kubiriko birabera muburundi babifisemwo uruhara. Ubwambere ubakurikiranye imvugozabo zimeze kuwutatuye abariko bararwana ariko akaca afata umwemuribo maze uwobarikobararwana akacamubasha inkoni. Icakabiri, Ibihugivya Bulaya nivyobifise ibirindiro vyogucuriramwo imi gambi mibisha ekonuburyo bwamafaranga yogufasha gushigikira imvururu bwishi niyobumva, uwogirandamubesha ndafise videwo yabarimunama bafise nibirangirura amajwi barikobarapanga kuzotabguza ayamabi arikwarakorerwa Bujumbura abobabikorera mugihugukimwe comu Bulaya bakusanye bavuye mubihugu bitandukanye vya Bulaya.

  • ndabirorere uwobishinga ntaho yoshika.None burya umuntu yoza aja ku ma caprices yanyu ntaho yoshika.Des 2014 opposition ntiyigeze ishaka amatora kubera imvo muzi.Pour y arriver mwaturiye meme abantu par des pneus...un moyen extreme et barbare.None caprice yanyu itegerezwa rero kwumvirwa selon toi..Itonde di on doit avancer Mushaka transition , ico kintu cararenganye i burundi reka kucinyiza igihugu kubera ama estomacs yanyu atuzura naho muba mwasakiye

  • So, uwugomba gushika kure ajana n’abandi ariko uwugomba kunyaruka yijana wenyene.ko abarundi benshi n’amakungu badashaka mandat ya gatatu y’Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza. Je numva bikwiye ko yokwemera kujana n’ abandi kugira ngo dushobora gushika kure.! Kuko ibiriho,vyamyeho kandi bizohoraho.rero ntihagire uwo bitesha ico yaremewe kuko ivyo vyose tuzobisiga kuri ino si ya Rurema.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.