Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zinamuntu utewe impungenge n’ubwicanyi mu (...)
Umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zinamuntu utewe impungenge n’ubwicanyi mu Burundi
vendredi 22 Nzero 2016
Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe agateka ka zinamuntu bimenyesha ko bitewe impungenge n’ubugizi bwa nabi bubandanya guhitana ubuzima bw’abantu mu Burundi.
Mu kiganiro umuvugizi w’umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zinamuntu Cécile Pouilly yahaye iradiyo y’abafaransa RFI kuwa kabiri igenekerezo rya 19 Nzero 2016, yavuze ko bafise amakuru y’ibinogo 9 biri i Bujumbura no mu micungararo yaho bihambwemwo abantu hamwe.
Umuvugizi w’umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu yavuze ko abatavuga rumwe na Reta bashizemwo inguvu kandi bariko barakora,bafatiye ku makuru bafise y’imirwi itaramenyekana itera ahakorera abajejwe umutekano.
Mwomenya ko intumwa z’inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zashitse ejo mu Burundi,kugira birabire uko ibintu vyifashe,kandi basabe na Reta kwitaba ibiganiro vyotorera inyishu ibibazo vya politike biri mu Burundi kuva mu mpera z’ukwezi kwa 4 mu mwaka wa 2015.
IGIHE
Messages
22 Nzero 2016, 19:32, par INTAGOHEKA
NIMUREKE GUKINA KUMUVYIMBA ABARUNDI UWABAHAYE AYOMAKURU ARAZOBABWIRANEZA AHOHANTU BABAHANVYE KUKO NIBARIVYO NAWENYENE MUKUBICA YARARIMWO CANKE MUKUBAHAMBA YARARIMWO URUNVA RERO KO ATAYANDI MATOHOZ AKENEWE KUKO UWABIVUZE ARABIZI CANKE MWEMERE KWARIREMENTANYA MURIKO MUKORERA UBURUNDI NABENEGIHUGU NDABACIRUMUGANI IKINYOMA KIMAR UMUSI NTIKIMARUMWAKA NAMWEBWE MUZOTEBA MUHINYUKE
23 Nzero 2016, 02:25, par Mpozamarira Erias
Nivyukuri harabantu bicwa babanje kubategeka, kwiyimbira ibinogo batabwa mwo biyimbiyebonyene ubwabo. Nukuri amakungu adahagurutse abantu bagiye guhera, none nkababantu bagandaguriwe muryarusera muri Muravya bahowe iki? ahatakivurwa nimugisagara ca Bujumbura, nko mumakomine yi yamirije ikiringo ca gatatu 3 ca Nkurunziza. ubu mwayo makomene igi Porice hamwe nikisirikare bahinduye uko bakora mumwaka uheze wa 2015 mukurasa abantu. ububeshi barafatwa bagatwarwa nkabagiye gufurwa mwijo baca baburiza imiduga ni nyuma yi gisagara bagaca bagandagurwa. ubwo nibwo buryo bakoresha,uwutishwe nawe agirwikimuga, mukucumitwa ishinge kubihimba vyu mubiri nayandi mabi ntiriwe dadondagura. nkakebura abarundi bumutima gukurikiranira hafi ibiriko birakorwa, kuko abamyesha makuru bakora icogikorwa baromowe, hamwe namashirahamwe ataryigiturire rwakingire abicanyi, abo bahizwe buhongo. nubwo benewacu bariko bazimanganirizwa ubuzima, hazogerigihe Intahe ifatijambo, abakoze ayomabi bazobura aho binyegeza, abazocika ubutungane ngo barahunze bazocakirwa nkagaca gacakiye umuswi wi nkoko niko bizogenda. ikibwirwa nicumva icerekwa niki bone,murakoze.
23 Nzero 2016, 07:51, par eraste nsengiyunva
yooo! uburundi busigaye arikibuga cabadayimoni non imana yaduhevye
24 Nzero 2016, 07:00, par Vensa
Iyomanda Yagatatu Iramaraabanyagihugu Na,yireke