IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji w’indero n’uw’abakozi ba Leta barishuye ku bibazo (...)

Umushikiranganji w’indero n’uw’abakozi ba Leta barishuye ku bibazo vy’abashingamateka

vendredi 12 Mukakaro 2013

Inama nshingamateka yarabajije ibibazo ku muhingamo wo ku wu wa gatatu igenekerezo rya 10 Mukakaro 2013 abashikiranganiji babiri uw’inyigisho z’intango n’imyuga, Rose Gahiru hamwe n’uwa kazi ka leta n’abakozi Annonciate Sendazirasa. Ibibazo bikaba vyari vyerekeye ishure shingiro hamwe na yegereyegere ziguma ziba mu buzi bwa Leta.

Umushikiranganji Rose Gahiru yamenyesheje ko yegereyegere yakozwe n’abigisha mu misi iheze itari iciye mu mategeko, kandi ko iyo yegereyegere ataho yari ifatiye . Ku vyerekeye ishure shingiro ritangura n’umwaka w’ishure buca dutangura, uwo mushikiranganji yamenyesheje ko imyiteguro igeze kure, ko ata kabuza ukwezi kwa Nyakanga 2013 ishure shingiro rizotangura.
N’aho amenyesha ko biteguye neza, umushikiranganji aremera ko ingorane izoshobora kuba yerekeye intebe zo kwicarako, mugabo ubushikiranganji bw’iterambere ry’ama komine buciye mu kigega FONIC kiriko kirakora ibishoboka vyose kugira gikemure ico kibazo.

Umushikiranganji Rose Gahiru yibukije ko iryo shure shingiro rizofasha mw’iterambere kuko vyari bikenewe ko umwenegihugu aronke ubumenyi bukwiye kugira afashe igihugu mw’iterambere. Kandi ati, ni vyiza kuko ishirwaho ry’ishure shingiro riri mu bintu vyasabwe n’ishirahamwe Unesco.

Ku vyerekeye amashure n’ayo, amashure yegukira amadini nk’amaseminari, abashingamateka,barashatse kuronka umuco ku kuntu bazovyifatamwo kuko bamwe bavuga ko kuri ayo mashure ata mwaka w’indwi uzohaba mu mwaka uza. Kuri ico kibazo, umushikiranganji ajejwe amashure yisumbuye yishuye ko naho ari amashure yegukira amadini, ategerezwa nayo nyene gukurikira umugambi wa Leta. Mu gihe abashingamateka begereye abenegihugu, umuppfasoni Rose Gahiru yabasavye ko bohimiriza abanyagihugu kugira batahure akamaro k’ishure shingiro.

Mu nyishu zatanzwe n’umushikiranganji w’abakozi ba Leta, Annonciate Sendazirasa yamenyesheje ko ku kibazo c’ubusumbasumbane bw’imishahara ko hari umurwi w’igihugu ujejwe kwiga ivyo bibazo washinzwe (CNDS : Commité National du Dialogue Social). Uwo murwi ukazoba ufise igikorwa co gukinga, ni ukuvuga kwama uzi ingorane zishobora gushika kugira bazikinge amazi atararenga inkombe. Uzoba kandi ufise akazi ko guhimiriza no kugira ubushakashatsi ku kibazo icarico cose hamwe no kuca barondera abahinga bazoshobora bociga. Aho rero tukizera ko amayegereyegere agiye kugabanuka mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Ku vyerekeye ikibazo c’umushahara, uwo murwi CNDS niwo nyene uzobiraba, abakozi nabo rero bakazomenya cane amategeko abagenga baciye muri uwo murwi CNDS


Floxella Karire

Messages

  • ni batuvugire turonke imfashanyo ariko abajejwe kuzakira bazikoreshe ivyo zagenewe .birateranye isoni kwumva kandi ikibazo cubusumbasumbane bwimashahara namasango umushikiranganji yama yatanze hakuguma ubesha wotuma uvuga ukuri ko vyakunaniye gukora abantu bakareka kurindira umuyaga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.