IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji w’u Burundi ajejwe imigenderanire Laurent Kavakure ari mu (...)

Umushikiranganji w’u Burundi ajejwe imigenderanire Laurent Kavakure ari mu Bwongereza

mardi 15 Nzero 2013

Umushikiranganji w’u Burundi ajejwe imigenderanine no gufashanya n’amakungu, Laurent Kavakure ari mu Bwongereza

Abajijwe ikimugenza mu Bwongereza, umushikiranganji Kavakure yavuze ko aje mu rwego rwo gukomeza ubushuti n’Ubwongereza, igihugu gisanzwe gifasha u Burundi muri vyinshi.

Bwana Kavakure yavuze ko kimwe mu bintu nyamukuru u Bwongereza bufasha u Burundi ari ugutunganya ikigo kijejwe gutoza amakoli n’amatagisi, OBR.
Ngo Ubwongereza buterera ibikoresho OBR ikoresha hamwe n’ikarishabwenge ry’abakozi bayo.

Yabandanije yemanga yuko kuva OBR itanguye gukora, u Burundi buri mu bihugu bivugwa ko gutoza ikori bigirwa neza bikaninjiza amahera menshi muri leta.
Umushikiranganji Kavakure kandi yavuze ko OBR yatumye igiturire carangwa ku ma douane kigabanuka cane.

Ikindi naco u Bwongereza bufasha u Burundi ni mu rwego rwo guhagararira amahoro muri Somalia mu mugwi AMISOM, mu kururonsa abasirikare b’u Burundi ibikoresho.

Igiturire n’ubukene

Mu gihe u Burundi bushirwa n’ikigo Transparency International mu bihugu vya mbere birangwamwo igihugu kandi bukaba muri bitatu vya mbere bikenye cane kw’isi, umushikiranganji Kavakure yavuze ko atemeranya n’ivyo biharuro.

Ngo ku bijanye n’igiturire, intambwe iramaze guterwa naho hakiri vyinshi vyo gukora, akarorero akavuga amahinduka ikigo OBR cazanye.

Nayo ku bijanye n’ubukene, ngo kuvuga ko u Burundi buri mu bihugu vya mbere bikenye kw’isi ntibikiri vyo ngo kuko kiri mu vya mbere ubutunzi bwiyongera cane.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.