IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji w’umutekano yaragirishije inama abajejwe umutekano mu (...)

Umushikiranganji w’umutekano yaragirishije inama abajejwe umutekano mu karere k’uburengero

samedi 26 Nzero 2013

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 25 Nzero 2013, umushikiranganji w’umutekano Gabriel Nizigama yaragirishije inama abajejwe umutekano mu karere k’uburengero.Iyo nama ikaba yabereye mu ntara ya Cibitoki.

Iyo nama yabaye mu mwiherero yahuje intwazangabo mu gipolisi,ibisongerezi mu ntwazangabo hamwe n’abapolisi bato bato bo mu ntara za Cibitoki,Bubanza,Bujumbura Rural n’igisagara ca Bujumbura.

Abo bapolisi bari kumwe n’umushikiranganji w’umutekano rero, bakaba baganiriye ku bibazo bijanye n’umutekano muri rusangi hamwe n’ibijanye n’indero mu rwego rw’igipolisi.

Inyuma y’iyo nama bikaba vyari bitegekanijwe ko umushikiranganji w’umutekano ari kumwe n’abo bapolisi batera ibiti ku mahegitari 50 ku mutumba umwe uri muri ako karere.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.