IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuyobozi mushasha wa RPA ijwi ry’abanyagihugu ni nde? Yamaze (...)

Umuyobozi mushasha wa RPA ijwi ry’abanyagihugu ni nde? Yamaze iki?

lundi 31 Ntwarante 2014

Inyuma y’imyaka icumi n’umwe ari umumenyeshamakuru w’insamirizi ijwi ry’Abanyagihugu RPA, Bob Rugurika yagenywe kuyirongora. Umuyobozi mushasha wa RPA ariko agasaba abategetsi b’Uburundi, gutahura no gushira mu ngiro akarangamutima k’insamirizi yabo.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Bob Rugurika avuga ko igikorwa co gushira mu ngiro ako karangamutima k’iyo nsamirizi kitoroshe, ndetse akaba ari nayo ntandaro ikunda gutuma RPA igiriranira utugorane na bamwe mu bategetsi b’igihugu. Guhimiriza abategetsi kwubaha abatwarwa, intumbero y’iyo nsamirizi, kenshi niyo usanga abategetsi itabashimisha. Ivyo rero bikaba bitera icuka kibi cane hagati y ‘iyo nsamirizi na bamwe mu bategetsi bo muri Reta, kuko kenshi, iyo nsamirizi inyegurura ivyanyegejwe na bamwe mu barongoye ibisata bimwe bimwe vy’igihugu, ivyo navyo bigaca bikoreshwa n’imwe mu migambwe itavuga rumwe na Reta mu kwiyamamaza, canke mu gukamisha inyungu zayo.

JPEG - 36.9 ko
Bob Rugurika umuyobozi mushasha wa RPA, Ijwi ry’Abanyagihugu

Abari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD nabo, baca bashavuzwa n’uko iyo migambwe yindi yakamishije ivyanyeguruwe na RPA, ikabikamisha mu kwiyamamaza. Rugurika akavuga ko arajwe ishinga n’ugusaba ubutegetsi gutahura cane igikorwa ca RPA, borohereze abamenyeshamakuru b’iyo nsamirizi mu kubaronsa amakuru, nabo bashobore kuyatohoza neza, bimwe vyo kuvuga ko barondeye umushikiranganji baramukena bihere, mbere n’ibizigizigi vyo kuyinuba bitanwe n’akagazuzo, na rirya iyo nsamirizi isanzwe itarya umunwa mu kwereka abategetsi ko abatwarwa babwirijwe kwubahwa, kuko aribo batanga ubutegetsi.

Bob Rugurika aremeza ko abatazi akarangamutima ka RPA aribo bakunda kubagiriza guhengamira kuri imwe mu migambwe itavuga rumwe na Reta. Avuga ko azitwararika cane kubandanya ashira mu ngiro ako karangamutima k’iyo nsamirizi, umunyagihugu abandanye aronka aho ashikiririza iciyumviro. Umuyobozi mushasha w’insamirizi y’Abanyagihugu RPA, amenyesha ko afise umwete ntangere wo kubandaniriza aho mugenziwe yaragejeje. Imigambi mikuru mikuru myinshi, amenyesha ko bari basanzwe barayikoranye na Eric Manirakiza yasubiriye. Avuga nk’umugambi wo kuduza amajwi y’iyo nsamirizi gushika mu turere twinshi tw’igihugu ko azowubandanya.

JPEG - 109.2 ko
Eric Manirakiza yahora ari umuyobozi wa RPA

Ku bagiriza iyo nsamirizi kuba itavuga ku bikorwa vya Reta, avuga ko ahubwo muri Reta batabatumira, iyo nayo ikaba intambamyi kuribo, yo kuronka amakuru ya Reta, canke bayarondeye naho, aboyatanze bakayimana. Amenyesha ko bihora binashika bakarondera bamwe mu bashikiranganji bakababura. Basaba Reta gukorana n’iyo nsamirizi mu guhanahana amakuru, kugira izo ngorane zihere, utwo tunenge dukosorwe, mu ntumbero yo kuzana icuka kimeze neza hagati ya RPA n’abategetsi.

Nayo abibaza nabo ko hari amadosiye amwe amwe akorwa, ariko mu nyuma ntashobore kurangira, aho hari n’abibaza ko baba batewe ubwoba, bagatinya kuyarangiza, avuga ko atari vyo. Amenyesha ko ahubwo, amwe mu madosiye hagera aho amariba yayo bayabura, abariko barakorwa kuri ayo madosiye bagaca bizibira, bakazibira amayira yose yotuma ukuri gusigaye kunyeguruka. Ariko ntahakana ko hari iterabwoba rihora rikorwa ku bamenyeshamakuru b’iyo nsamirizi. Naho biri ukwo, aremeza ko amadosiye menshi ahora ahera, iyo adaheze naho hari abazibiye amariba, agira ati, igikuru muri ivyo n’ukwo abanyagihugu baba babimenye.

Mukamenya ko Bob Rugurika yavukiye mu gisagara ca Bujumbura, mu mwaka w’1978. Yize ivy’amategeko. Arubatse, afise umukenyezi n’abana babiri. Ariko kubera imvo z’umutekano muke ku muryango wiwe, ndetse n’iterabwoba ku biwe, yahisemwo guhungishiriza abana biwe n’umukenyezi mu gihugu c’Ububirigi, akaba rimwe na rimwe ahora asimbirayo kubaramutsa.


Aristide Nizigire

Messages

  • yooo ndakunda bobo gushika naho. Imana iguhezagire. usanzwe ufise n’ijwi ryiza cane. Komera, nayo umugore n’abana Imana irababona. Turazi ko bahunze igipolici c’iperereza gifashanije naba ndakugarika, bashaka kukunigira umukenyezi. Imana izogufasha ncuti

  • abatakuzi sha bazokubona. uwo ntafyina mu kazi, aba dd muragowe, kuko mukugira iperereza arusha na sinduhije

  • Ubu ntimwemeyeko nyabusorongo itabesha? Ukutumvikana hagati ya Bob na Eric ntibigaragaye? Nti muze mwigere mwibazako abarundi bakiri babandi bijana ku makomine kwicwa.

  • uyumugabo yari yarushe kuko yarasigaye avuza inkuru zitatohojwe neza akarore ngo igipolice caturiye amazu hahiramwo abana mukanya babatora iyo nyene kubivuga yabanyegeje. nimeshi cane yari yatwawe na politike aho yagiriza igi police ko cari cahawe mission yo kwica sunduhije ububeshi gusa. nagnde asubirire sinduhije nawe yari yarushe cane ashavura vuba akerekana neza ko arikumwe na MSD 100% gusa umuntu ashobora kuba mumugambwe ariko akirinda kugira uruhande yegamako nkabakozi ba radio isanganiro nukuri RPA uvuze ko ari iya MSD ntuba wihenze nagato

  • Ndakwifurijekuroranirwa mukazi kawe turinyuma yawe abarundi isinzi dukunda RPA murushirizeho kuturonderera amakuru cane cane mwongereze ubuhinga mukoresha kuko ntidushobora gukwirikirana abiganiro vyanyu kwi telefone ngendanwa nkuko kubikurikirana kuri Radio Bonesha FM muzoba mukoze

  • Nakomere Abarundi turindiranye igishika ibikorwa azodukorera nace cane muri bihe ryinyinyurana muri politike.Kabizi ncuti yanje ndabona ko washije ama radio mu migambwe ariko iyo utubwira REMA Fm,RTNB umugambwe zirimwo warikuba udufashije.ndabona ko kahise ataco kakwigishije ariko kuva muri ri 2005 hari benshi bari bakomeye muri cndd fdd wanashaka bari bakomeye kurugamba batakiwurimwo.wombwira igituma ka ncuti yanje?

  • Kabizi REMA FM na RTNB navyo biri mwuwuhe mugabwe???uzoze uvuga namake bizogufasha!!aba DD gusa kuva nabaho sinari bwabone abantu bibijuju nkamwe!!

  • Viva Bob Rugurika!!Tukurinyuma maze mushishikare kuduzikivi mutama Eric Manirakiza asigaje.Nawe kabizi burya nubwo uvugira aba d d ntabwo ubakunda wibazako Kabizi arizina ryawe!!! 

  • iyo mbwa rugurika hari igishasha azazana?mwenda wazimu huyooooo!

  • Yemwe yemwe ivyo bigabovyose bimeze nkasebuja wavyo SINDUHIJE,Ehe raba Eric ibishatsi,ivyanwa nka sinduhije.BOB ehe nawe uko asa yemwe,umenga bose nibintu vyanyinyiriweeee.vyoryumuntu ndakurahiye,muga ico mwomenya abarundi ntitugitinya isura mbi nkiyo,kora conyene mwubahirije amategeko.Eric naje gukora politique niyo ashoboye,bibaye ngombwa ace asubirira SINDUHIJE kuburongozi bwumugambwe kuko twunvise ko SINDUHIJE agomba kwiyahura kugira ngo yandikweMUNCUNGI z.uburundi,incingu yabagumutsi ndagahanwa nabagabo.yantangaje pe!.ewe yemwe uyomuntu ntazeregwa,agomba kwiyahura,ngwama dosiye nukuvuga rero ko RPA yahindutse ubutungane,bucira imanza zabakoze amakosa!?.namba muri sentare tangura muce ugwabishe NDADAYE. muzoba muri invugakuri koko.

  • irambire bob abantu binjira mu kazi kabandi binjira mukazi kabandi nibo usanga bagiriwe nabi abayavuga nibayavuge we bandanya akazi imana ikurinde abansi

  • Administrateur w’ururubuga arakwiye kuza arakurako amakuru y’ibitutsi na jalousie kuko ataco Bimarira abantu. Gusa ico tuzi nuko radio RPA idandukanye n’izindi nka Rema fm, salama, RTNB: irakundwa kdi irumvirizwa akaror: uze utambuk 12:30’ or 19h00. Nibakomer iyitaza kuboneka tuba twarahonye. Bön courrage.

  • imana idukomereze RPA.nayo aba DD baziyahura hava intwaruka i hagaruka iyindi.bob mukore abarundi turabashigikiye kandi mw’uguruze aga compte duterere namwe muduhe inkuru z’ikibiriraho.aba DD bomoke baje kurima mu bikorwa rusangi.

  • hari abaterekwa ukuri ariko ivyo ntivyoca intege uwukora inkuru kuyikora wawundi ati songa mbere’ nawe RPA songa mbere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.