IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umwaka w’ubutungane w’2013-2014 ivyawuranze ntibibonwa kumwe na (...)

Umwaka w’ubutungane w’2013-2014 ivyawuranze ntibibonwa kumwe na bose

mercredi 8 Gitugutu 2014

Ivyaranguwe n’abacamanza muri uyu mwaka birahimbaye nk’uko bivugwa na Pascal Barandagiye umushikiranganji w’ubutungane, ariko amwe mu mashirahamwe yo akaba abibona ukundi.

Mu bikorwa vy’ugutangura umwaka w’ubutungane w’uyu mwaka w’2014 ushira 2015, Pascal Barandagiye yavuze ko abacamanza bashoboye gukora amadosiye menshi, akabasaba kudasubira inyuma, bagakora batera imbere. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza nawe yari yitavye ivyo birori, akaba yavuze ko Reta itazigera yivanga mu bikorwa vy’ubutungane. Avuga ko ubutungane bukora neza, ari intambwe mu gutsimbataza amahoro.

Mwomenya ko naho muri Reta bemeza ko uyu mwaka wagenze neza mu butungane ndetse haboneka n’ukutivanga mu madosiye y’ubutungane, atari uko bibonwa n’amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike akorera mu Burundi. Ayo mashirahamwe aremeza ko hari bamwe mu bategetsi bivanga mu madosiye y’ubutungane, kandi iyo ikaba intambamyi ku bwigenge bw’ubutungane mu Burundi.

Muri SYMABU (Syndicat des Magistrats du Burundi) ishirahamwe rihurikiyemwo abacamanza bakavuga ko uyu mwaka waranzwe n’ugukura abacamanza aha babashira hariya. Jean Pierre Munyembari arongoye SYMABU akaba ndetse anagaragaza amakenga ku mishahara y’abacamanza itangana, aho avuga nk’abacamanza bakora muri sentare irwanya ibiturire bahembwa menshi, mu gihe abakora muri sentare zindi baronka make kuri abo, kandi bafise impamyabushobozi zimwe ndetse batwarwa mu bushikiranganji bumwe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.