IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umwe mu bagirizwa igitero co kwa Gaston Sindimwo yarekuwe

Umwe mu bagirizwa igitero co kwa Gaston Sindimwo yarekuwe

vendredi 13 Ruheshi 2014

Lionel Ninteretse, umwe mu banywanyi babiri b’umugambwe UPRONA bapfunzwe bagirizwa igitero cakozwe kwa Gaston Sindimwo yarekuwe. Ababuranira urwo rwaruka batangazwa n’ukubona barekuye umwe bakareka uwundi, kandi bompi basangiye urubanza n’ivyemezo.

JPEG - 48.7 ko
Lionel Ninteretse (i buryo), na Fabrice Shurweryimana (i bubamfu) : Bagirizwa ko aribo bateye amagerenade ku rugo rwa Gaston Sindimwo

Umwe mu banywanyi babiri ba UPRONA ishami rirongowe na Karori Nditije bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba yarekuwe. Lionel Ninteretse asize mw’ibohero mugenzi we Fabrice Shurweryimana, bompi bakaba bakurikiranwako icaha bagirizwa c’uko aribo bateye amagerenade ku rugo rwa Gaston Sindimwo, umunywanyi wa UPRONA irongowe na Concilie Nibigira. Ingingo y’uguha umwidegemvyo w’agateganyo Lionel Ninteretse yasohotse kuri uwu wa kane, akaba yaciye asohoka ibohero rikuru rya Mpimba ku muhingamo wo kuri uwo munsi nyene.

King Hermes Kezimana, umwe mu baburanira urwo rwaruka, amenyesha ko batangajwe n’iyo ngingo yo kurekura umwe muri babiri basangiye urubanza n’ivyemezo. King Hermes Kezimana amenyesha ko Fabrice Shurweryimana yoba yagumijwe mu munyororo, kuko Gaston Sindimwo yavuze ko yamwiboneye mubaje gutera ku rugo iwe, ariko uwo mushingwamanza agatangazwa n’ukubona Gaston Sindimwo adatumwako mu ntahe, kugira yagirize uwo mu JRR ayoboka Karori Nditije. Ku bwiwe rero, kubona Gaston Sindimwo atarenguka, ni intumbero y’ugutevya urwo rubanza afata nk’urwa poritike, akabona ko abo ababuranira bapfunzwe bazira indyane zadutse mu mugambwe UPRONA, kuva bafashwe bagirizwa ko boba aribo bateye amagerenade ku rugo rwa Gaston Sindimwo, umwe mu baporona bayoboka UPRONA, ishami rya Concilie Nibigira.

JPEG - 64.9 ko
Umushingwamanza King Hermes Kezimana umwe mu baburanira urwo rwaruka

Umushingwamanza King Hermes Kezimana amenyesha ko bagiye gusaba sentare nkuru y’iyungururizo ko bobaha isango rya hafi, kugira urwo rubanza rwagiye rurarangwamwo utunenge ruhebe rurangire, bakizera ko Gaston Sindimwo azotumwako nawe kugira baburane, ibipfungu vyagiye biribonekeza muri urwo rubanza bihere.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.