IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umwumvikano waratowe ku vyerekeye ihagarikwa ry’ishure ryigisha idini rya (...)

Umwumvikano waratowe ku vyerekeye ihagarikwa ry’ishure ryigisha idini rya islamu

vendredi 5 Ndamukiza 2013

Kurondera kwemerwa gukorera mu mategeko imbere yo kwugurura ishure rito canke ryisumbuye ry’inyigisho ry’idini rya islamu, iyo n’iyo ngingo yafashwe n’umuhuza mu rugendo yagize mu ntara ya kirundo kw’igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2013.

Abarongoye comibu hamwe n’abarongoye iryo shure bahora bakora atanzandiko zibibemerera bafise barasabwe ko bokora ibishoboka vyose kugira bakore bemewe n’ amategeko. Iryo shure rikaba ryari ryahagaritswe n’abakuru b’intara ya kirundo kuko batakora mu mategeko .

JPEG - 36.2 ko

Umuhuza w’ UBurundi , Mohamed Rukara yaciye babonana mu mwiherero n’abajejwe intwaro bo mu ntara ya kirundo hamwe n’abarongoye idini rya ki islamu aho baganiriye ku vyerekeye iryo shure ryakorera ngaho mu ntara ya kirundo.

Kubwo uwujejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umuhuza ,Juma Rukumbi ,abaserukira iryo shure ryo mu kirundo barandikiye umuhuza igenekerezo rya 2 ntwarante 2013 bashaka kumubwira ko babugariye iryo shure.

Niho rero umuhuza yaciye abonana n’iyo mirwi yose uko ari ibiri kugira bavugane ico kibazo.Mu vyo bayaze ,hari ivyo bashitseko ica mbere twovuga gusaba gukora mu mategeko ,kwubaka amashure meza ashobora kwigiramwo inyigisho zisanzwe mu gitondo hama n’inyigisho z’idini zi ki islamu ku mugoroba.

Buramatari w’intara wa kirundo ,Reverien Nzigamasabo yaramenyesheje ko iryo shure ryari ryugawe kubera yari yabonye ko hari ibintu bimwe bimwe ribuze.Ni ishure itari yemewe n’amategeko .Yaravuze kandi ko abana yabona baja kuri iryo shure benshi bari hagati y’imyaka 8 na 11 kuri we iyo myaka n ’iyo kuja mu mashure asanzwe.
Ntiyumva rero ingene abana b’iyo myaka bokwiga inyigisho z’idini zi ki islamu.

Yaramenyesheje kandi ko uburaro bwaho butari bukwije ivya ngombwa .N’abigisha bari bigabuye hari hasigaye hari imirwi 2 .N’iyo mpamvu abategetsi bo mu ntara ya kirundo bashimye guhagarika ibikorwa vy’iryo shure mugabo akasaba gukora bakurikije amategeko . Kandi vyongeye abana bava mu bihugu nka Rwanda ,congo na Tanzanie bararondera ibipapuro bituma baba muri iryo shure igihe kinini.Iryo shure rero rikazogururwa hakwirikijwe ivyo iyo mirwi ibiri yashitseko.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.