IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UNESCO isaba ibihugu vyose gukomeza amahoro

UNESCO isaba ibihugu vyose gukomeza amahoro

lundi 21 Nyakanga 2015

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho indero n’imicokama UNESCO rimenyesha ko gushira hamwe,kwubahana no kwumvikana arizo nkingi nshimikiro z’amahoro.

Mu gihe amakungu kw’igenekerezo rya 21 Nyakanga uko umwaka utashe amakungu ahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe amahoro,Irina Bokova arongoye ishirahamwe UNESCO asaba ibihugu vyokomeza amahoro mu ntumbero yo gutuma bibana neza n’ibindi hamwe n’isi yose.

Mu Burundi, umunsi mpuzamakungu wahariwe amahoro wahimbajwe kuw’Imana igenekerezo rya 20 Nyakanga 2015.Uwo munsi wahimbajwe ku civugo Dushire hamwe tubumbatire amahoro n’agateka kuri bose.

Ivyo biroro vyatewe iteka n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo,ari kumwe n’icegera ca ca mbere c’umukuru w’igihugu Agathon Rwasa hamwe n’abandi banyacubahiro barongoye igihugu.

Mw’ijambo ryiwe,icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko Reta y’Uburundi ataco atazokora mu ntumbero yo kugarukana amahoro mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu gihugu cose.

Ibirori vyarangijwe n’igiteramo cari kigizwe n’indirimbo zirimwo ivyivugo vyo gutsimbataza amahoro.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.