IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urunani FORSC ruributsa isekeza "Vendredi Vert"

Urunani FORSC ruributsa isekeza "Vendredi Vert"

vendredi 13 Ruheshi 2014

Urunani FORSC rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ruributsa isekeza ryitiriwe uwa gatanu w’urwatsi rutoto (Vendredi vert), ku bantu bose bipfuza ko hokorwa amatohoza ku bivugwa ko hoba hari urwaruka rwahawe ibirwanisho.

Vital Nshimirimana, umukuru w’urunani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile) yibutsa abarundi n’abanyamahanga bose bavyipfuza ko bobandanya isekeza ryatanguye ry’ukwambara impuzu zifise amabara y’urwatsi rutoto ku munsi wa gatanu (Vendredi vert), kugira basabe abatwara Uburundi ko boshiraho umurwi wigenga wotohoza ku makuru yavuzwe ko hari urwaruka rw’abarundi rwahawe ibirwanisho, hamwe n’imyimenyerezo ya gisirikare bivugwa ko ikorerwa muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

PNG - 385.5 ko
Vital Nshimirimana, arongoye FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile)

Vital Nshimirimana yibutsa kandi abantu bose bipfuza kumenya ukuri kuri ivyo bivugwa ko bobandanya gutera imikono ku rwandiko (pétition) rusaba ko hokorwa amatohoza, ruzoheza rukarungikirwa abakuru b’ibihugu babiri (Petero Nkurunziza w’Uburundi na Joseph Kabila wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo), hamwe n’ubuyobozi bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.