IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwaruka 17 rwo mu ntara zose rwatunganirijwe inyigisho zo kwitegurira (...)

Urwaruka 17 rwo mu ntara zose rwatunganirijwe inyigisho zo kwitegurira kazoza

mardi 22 Mukakaro 2014

Inyigisho z’iminsi itatu zateguriwe urwaruka 17 rwo mu ntara 17 nyene zigize igihugu c’Uburundi zatanguye kuri uwu wa mbere mu kigo ca OPDE mu Kigobe. Abateguye izo nyigisho bamenyesha ko ari mu ntumbero yo guhimiriza urwaruka rw’abarundi ko rworengera ibirutandukanya, rukitaho ivyigwa, hamwe n’ukwitwararika kurangura imigambi y’iterambere.

Ishirahamwe rya bamwe mu barundi bo mu gihugu ca Canada, ryifadikanije n’abasanzwe baba mu Burundi ryatunganije inyigisho ku rwaruka rwo mu ntara zose z’Uburundi, kugira barabire hamwe ibikunda gutuma urwaruka ruhagarika amashure, bongere bahanahane ivyiyumviro ku kungene umuntu yoshitsa ivyiyumviro vy’imigambi yiwe, atarinze kurindira ak’imuhana.

Berry Iyukuri, umwe mubatunganije izo nyigisho, akaba n’umuhuzabikorwa w’iryo shirahamwe mu Burundi, amenyesha ko muri izo nyigisho, urwo rwaruka ruzohabwa uburorero bw’abantu bakomeye bashitse ku migambi yabo, kandi ubwabo babona ubwa mbere ko ari nk’indoto, ariko zahavuye zihinduka ukuri. Nk’uko Berry Iyukuri abandanya abisigura, muri izo nyigisho bazorabira hamwe kandi ibituma urwaruka rutwara imbanyi rutipfuje, hamwe n’ikibazo c’uguhagarika amashure cibonekeza mu ntara zitandukanye z’igihugu c’Uburundi.

Mwomenya ko izo nyigisho zatanguye kuri uwu wa mbere zizosozerwa ku munsi wa gatatu, abazitavye bazoshikiriza ivyokorwa kugira urwaruka ruhurumbire ku bwinshi amashure, rwongere ruvavanure n’ingendo yo kwisuzugura, ari navyo bituma rutarangura imigambi ruba rwiyumviriye. Abitavye izo nyigisho ni 17 bavuye mu ntara 17 nyene zigize igihugu c’Uburundi bakaba bagizwe n’abakobwa 9 n’abahungu 8 batowe mu moko yose.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.