IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwaruka rurarira, “twiyagire” yagabanijwe

Urwaruka rurarira, “twiyagire” yagabanijwe

jeudi 28 Ruhuhuma 2013

Ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru hakoreshejwe terefone ngendanwa, Smart, ryaraye rigabanije umwanya w’akarusho bise “twiyagire”.

Ku mafarenga 900 y’amarundi, winjire mu karusho bise “twiyagire” maze ugahamagara umunsi wose inomero zose za Smart. Ubu ako karusho kamara isaha n’iminota mirongo itatu.

Iyo ngingo yababaje benshi cane, urwaruka rwo rwababaye gusumba. Impamvu yuwo mu babaro urwaruka rutanga ni uko vyahora biborohera kwakura abakunzi babo, bakayaga bakidagadura.

Baribasigaye bita ako karusho “Ntukupe Sim”. Imyidogo rero ni myishi na cane cane kuri urwo rwaruka ruvugako rwari rwaravuye muyindi mihora ya terefone. Bamwe muri urwo rwaruka twaganiriye bavuga ko ata “twiyagire”, Smart barayivamwo baje muyindi mihora ya terefone. Ariko hagati yaho hari n’abandi bashimira Smart kuri ako karusho bari barabahaye.

Imvo, Smart itanga, zatumye bagabanya umwanya wako karusho ngo nuko bariko bategurira udushimwe twinshi abanywanyi babo.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.