Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwego CNC rwahawe umuyobozi mushasha
Urwego CNC rwahawe umuyobozi mushasha
samedi 12 Ntwarante 2016, par
Urwego rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi rwahawe umuyobozi mushasha, KARENGA Ramadhan, yafashe ikibanza cahoramwo Richard GIRAMAHORO.
KARENGA Ramadhan agiye kuyobora urwego CNC (Conseil National de la Communication) yahoze ari umumenyeshamakuru, umwuga yakoze imyaka myinshi muri RTNB (Radio Télévision Nationale du Burundi), muri BBC, hamwe no muri DW (Deutsche Welle).
- KARENGA Ramadhan, umyobozi mushasha w’urwego CNC
KARENGA Ramadhan yarabaye kandi umushikiranganji w’ukumenyesha amakuru, akaba kandi yarabaye umushingamateka w’umugambwe CNDD FDD yatowe mu ntara ya Bururi, mu mwaka w’2010.
Richard GIRAMAHORO yahora arongoye urwego CNC yari yagenwe muri Ntwarante 2014, akaba asubirijwe atarakwiza ikiringo c’imyaka itatu yari afise.
- Richard GIRAMAHORO yahora arongoye urwego CNC
IGIHE
Messages
12 Ntwarante 2016, 08:41, par tari
Uwowe nyimbaje kuyigurisha canke kuyitangira Ubuntu nkakumwe yabigira kuriyandege falcon nimwaraba nabi nabanyamakuru azobagurisha birababaje ingene uburundi bufise icabwenge nyishi kandi zumutima mugabo bwabuze ababutwara
12 Ntwarante 2016, 08:46, par Kanyarwanda
felicitations Karenga Ramadhan!
12 Ntwarante 2016, 12:53, par Rusakumba
Hewe TARI erega ivyo vyiyumviro vy’ibinyoma mwari mufise mu mitwe, aho mwahora mwiyumvira ngo abatutsi ko aribo bazi ubwenge, muravyikura mu mutwe. Abahutu b’incabwenge ni benshi cane gusumba abatutsi nk’incuro cumi, iyo upfuma uvuga ko muturusha amazuru asongoye aho twobikwemerera. Nibaza y’uko rwa rumogi ba Sinduhije na Maggy babagaburira ko rutarakuva m’ubwonko, kuko amajambo yose uhora wandika n’ikijuju kitoyandika.
12 Ntwarante 2016, 14:43, par jérémie kassim
nibazebarabisiranakukontawavukiyegutwara,kandi si itongoridasabikanywacanke ibatisimu.Ikibabajenukohagumahisubirizababandinonentabandibabishboyebahari?
13 Ntwarante 2016, 09:15, par kwizera
Turashimiye papa Burundi kundongizi nshasha aronkeje urwego rujejwe kumenyesha amakuru yakoze ivyo amategeko amurekurira.