IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urwego rw’abashingwamanza rwatanguje umwaka mushasha w’ubutungane

Urwego rw’abashingwamanza rwatanguje umwaka mushasha w’ubutungane

jeudi 19 Nyakanga 2013

Urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura rwatanguje icese ibikorwa vy’umwaka mushasha 2013-2014 kuri uyu wa kane. Kabaye akaryo ko kuganira ku bibazo abashingwamanza bahura navyo mu mirimo yabo. Isidore Rufyikiri yasavye abashingwamanza guharanira agateka kabo mu kwanka gukoreshwa bivuye ku bwoba canke ku giturire.

Abashirwamanza b’i Bujumbura batanguye ku mugaragaro umwaka mushasha w’ubutungane ku civugo kijanye no guteza imbere umwuga w’ubushingwamanza n’ubutungane kuri bose. Umukuru w’urwo rwego, umushingwamanza Isidore Rufyikiri amenyesha ko intambanyi zijanye n’igiturire kirangwa mu bacamanza, ari naco gituma imanza zidindira, canke hagacibwa izangondagonde. Kubwa Isidore Rufykiri, rimwe na rimwe, n’ubutegetsi burabangamira ubwigenge bw’abacamanza, kuko abo bacamanza baba bagenwe bitabaye ku mugaragaro, ingaruka igaca iba ko bakorera ku gitsure c’ababagenye. Kuri iyo ntambanyi, Isidore Rufyikiri asaba ko abacamanza boza baratorwa n’inama nkuru y’ubutungane, iyo nayo igahabwa ubwigenge, mu gihe ubu atariko bimeze, kuko irongowe n’umukuru w’igihugu, icegera ciwe akaba umushikiranganji w’ubutungane.

Mu ntumbero yo kurwanya igiturire coba gihabwa abacamanza, Isidore Rufyikiri amenyesha ko bagiye gusaba ko urubanza rwoza rurakurikiranwa n’umucamanza umwe kugira habaye igiturire vyorohe kuboneka. "Iyo urubanza rushashemwo abacamanza batatu nk’uko bimeze ubu, biragorana kumenya uwapfumbatishijwe uwariwe."

JPEG - 70.2 ko
Isidore Rufyikiri, umukuru w’urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura

Muri ivyo birori vyo gutanguza umwaka mushasha w’ubutungane ku bashingwamanza, bagarutse no ku kibazo c’amategeko akiri mu rurimi rw’igifaransa, ivyo navyo bikaba bidahuye n’ivyanditswe mu bwirizwa shingiro. Basavye rero ko yoshirwa no mu kirundi, gutyo n’abanyagihugu bato bato bashobore kuyatahura.

Isidore Rufyikiri, umukuru w’urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura asaba abashingwamanza kurengera igitsure n’igitugu c’abategetsi boshaka kubatamika ijambo, bakorane ubukerebutsi mu gufasha ababituye gutunganirizwa.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.