IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwego rwo gucungera ibimenyeshamakuru CNC rwarashikirije ivyaranguwe mu (...)

Urwego rwo gucungera ibimenyeshamakuru CNC rwarashikirije ivyaranguwe mu mwaka w’2012

lundi 7 Nzero 2013

Urwego rwo gucungera ibimenyeshamakuru CNC rwarashize ahabona kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 5 Nzero ivyaranguwe mu mwaka uheze w’2012,rukaba rwaratanze n’agashimwe ku bamenyeshamakuru bakoze ibiganiro ku bijanye n’ubutungane.

Hari kuri uno wa gatandatu itariki 5 Nzero 2012 aho urwego rwo gucungera ibimenyeshamakuru rwashira ahabona ivyaranguwe mu mwaka uheze w’2012.

Kubwa Pierre Bambasi atwara urwo rwego CNC,ngo gutanga inkuru zitatohojwe neza ku mpande zose,ukudaha ijambo bose no kurenza urugero mu nkuru zitangwa niyo makosha yakozwe n’ibimenyeshamakuru bimwe bimwe igihe biba biriko biratanga inkuru. Kubw’ivyo rero Pierre Bambasi akaba yasavye ibimenyeshamakuru ko vyokwisubirako kugira bishikirize abanyagihugu inkuru z’imvaho.

Mwomenya yuko agashimwe katanzwe kubwo ihiganwa ryatunganijwe mu vyerekeye inkuru zakozwe ku butungane na Institut Panos Paris katahukanywe n’abamenyeshamakuru bane,abo nabo bakaba ari Prosper Nzeyimana wo ku mboneshakure y’igihugu,Edouard Madirisha wo mu kinyamakuru Iwacu, Patrick Mitabaro na Olivier Nkengurutse bo kuri Radio Isanganiro.

kw’ifoto: Pierre Bambasi arongoye CNC


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.