IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > USA isaba ko ibiganiro mu Burundi vyobandanya

USA isaba ko ibiganiro mu Burundi vyobandanya

mardi 15 Nyakanga 2015

Intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere ka Afrika yo hagati Stuart Symington,amenyesha ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zipfuza ko mu Burundi haboneka amahoro n’umutekano bikwiye.

Stuart Smington yemeye ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zidashobora guheba Uburundi,ariko isaba ko ibiganiro bihuza abarundi bigatuma amahoro n’umutekano biboneka vyobandanya.

Iyo ntumwa idasanzwe mu karere ka Afrika yo hagati,yavuze ko ivyo biganiro vyobandanya atawukumiriwe,mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo biri mu Burundi.

Stuart Smington yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zipfuza ko ubwicanyi mu Burundi buhagara.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.