IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwahora aserukira igihugu c’Ubuyapani yahejeje ikiringo ciwe

Uwahora aserukira igihugu c’Ubuyapani yahejeje ikiringo ciwe

lundi 22 Mukakaro 2013

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahaye umubonano uwahora aserukira igihugu c’Ubuyapani, Takata Toshihisa, afise icicaro mu gisagara ca Nairobi. Mu gihe ikiringo ciwe caheze, Takata Toshihisa yari aje gusezera umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Petero Nkurunziza yamenyesheje ko ashimishwa n’imigenderanire myiza iri hagati y’Uburundi n’Ubuyapani, ivyo bikagaragarira mu migambi Ubuyapani bwaranguye mu Burundi nk’inyubakwa zitari nke.

Ku ruhande rwiwe, Takata Toshihisa yiyemeje ko igihugu c’Ubuyapani kizobandanya gushigikira iterambere ry’Uburundi. Nk’uko bavyemeye mu nama yabereye i Genève yahuje abafasha Uburundi, Ubuyapani ntibuzohengesha gushigikira Uburundi.

Takata Toshihisa yahora aserukira igihugu c’Ubuyapani mu Burundi yaciye aboneraho akaryo ko kumenyesha ko umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo mu gihugu c’Ubuyapani azogendera Uburundi, akazoba azaniye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi imfashanyo y’imipira n’ibirato vyo gukinisha.

Takata Toshihisa yarangije ikiringo ciwe yari amaze imyaka itatu mu mabanga yo guserukira igihugu c’Ubuyapani mu Burundi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.