IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwahoze ari umuvugizi wa MSD yaciriwe urubanza

Uwahoze ari umuvugizi wa MSD yaciriwe urubanza

mardi 15 Ntwarante 2016, par egide

Nathan NDAYONGEJE‬ yahoze ari umuvugizi w’umugambwe MSD asanzwe apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva mu mwaka w’2014 yaciriwe urubanza rw’umunyororo w’imyaka itandatu hamwe n’amezi atandatu.

Uwo yahoze ari umuvugizi w’umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et le Développement) apfungiwe hamwe n’abandi banywanyi b’uwo mugambwe bafashwe kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014 mu ngoro y’uwo mugambwe mu Kinindo.

JPEG - 48.8 ko
Nathan NDAYONGEJE yafatiwe mu Kinindo mu ngoro y’umugambwe MSD

Abo bafashwe bagirizwa imigumuko, hamwe n’uguhungabanya inzego z’igihugu. Bamwe muribo baramaze guciribwa imanza, abandi bakaba bakirindiriye, inyuma y’imyaka ibiri bari mu munyororo.

Muri abo bamaze guciribwa imana hakaba harimwo abaciriwe ugupfungwa ubuzima bwabo bwose.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.