IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uwatanguje e.mail hamwe n’akamenyetso @ yitavye Imana

Uwatanguje e.mail hamwe n’akamenyetso @ yitavye Imana

lundi 7 Ntwarante 2016, par egide

Ray Tomlinson, umuhinga yatanguje uburyo bwo kurungikirana ubutumwa ku muhora ngurukana bumenyi (Internet), ubuhinga buzwi kw’izina rya e-mail, yitavye Imana. Ray Tomlinson akaba kandi ariwe yatanguje akamenyetso ka @

Ray Tomlinson yasezeye isi ku myaka 74, akaba azwi nk’uwatanguje ubuhinga isi yose ikoresha mu kurungikirana ubutumwa bwanditse canke amakete, hakoreshejwe inyabwonko (Ordinateur). Yapfuye kuri uwu wa gatandatu, ahitanwe n’ingwara y’umutima.

Iciyumviro c’ugutanguza ubwo buhinga Ray Tomlinson yakigize mu mwaka w’1971, ari nawo mwaka yarungika e-mail ya mbere, ico gihe akaba yakora nk’umushakashatsi mw’ishirahamwe Bolt Beranek and Newman.

Mu mwaka w’2012, niho Ray Tomlinson yemewe nk’uwatanguje kw’isi yose e-mail, akaba yaciye ashirwa ku rutonde rw’abakoze impinduka hamwe n’ibikorwa bikomeye mu bijanye na Internet.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.