IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwundi murundi yagenywe kurongora ishirahamwe mpuzamakungu

Uwundi murundi yagenywe kurongora ishirahamwe mpuzamakungu

samedi 9 Myandagaro 2014

Bamwe mu barundi babandanya guterwa iteka mu kugenwa mu mabanga akomeye yo kurongora amashirahamwe mpuzamakungu mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi.

Umurundikazi Séraphine Wakana niwe yagenywe kurongora ishirahamwe PNUD mu gihugu ca Guinée, nk’uko biri mw’ikete ryashizwe ahabona n’icicaro gikuru c’iryo shirahamwe. Uwo mupfasoni w’umurundikazi, akaba yari asanzwe akora mw’ibanki ya Afrika ijejwe iterambere (Banque Africaine de Développement) kuva mu mwaka w’2010.

Umupfasoni Seraphina Wakana

Seraphina Wakana, akaba yarigeze kuba umushikiranganji muri Reta y’imfatakibanza mu mwaka w’2002 gushika mu mwaka w’2005. Mu nyuma akaba yaciye aba umuhinga yigenga w’amashirahamwe mpuzamakungu araba ivy’ubutunzi. Umupfasoni Wakana akaba azwi nk’umuntu akunda ibikorwa, aho ndetse ashobora kumara amasaha n’amasaha ariko arakora.

Umupfasoni Wakana afise urupapuro rw’umutsindo mu gisata c’ubutunzi muri kaminuza y’Uburundi, ariko kandi akaba yaranize muri kaminuza yo muri Reta zunzubumwe z’Amerika, Brandeis, aho yanonosoye ibijanye n’ubutunzi. Yararakoze mu bisata bikomakomeye vy’Uburundi na cana cane mu bisata biraba ibijanye n’ivy’ubutunzi.

Ariko abatari bake, bakaba bamwibukira ku ruhara yagize mu kugarukana ibidandazwa vyari vyarabohewe ku kivuko c’i Dar es Salaam mu gihugu ca Tanzaniya kubera ibihano vyari vyafatiwe Uburundi, inyuma yaho Petero Buyoya agarukiye ku butegetsi atembagaje intwaro ya Sylvestre Ntibantunganya. Ico gihe, umupfasoni Wakana akaba yari muri Reta yarungitswe n’umugambwe w’Abadasigana UPRONA. Seraphina Wakana avuga neza indimi z’ikirundi, igifaransa hamwe n’icongereza.


Aristide Nizigire

Messages

  • nivyiza biraberey imana ikomez imutere iteka kandi naw ayubahe.

  • Nivyokwishimira gose’ Ubutwariyemeje abarundi gukamisha amahoro dufise twarose turushe mugukora ibikorwa habangaha mu Burundi canke mu makungu, umwanyatwataye turyana dutegerezwakuwiriha mugukora twivuyinyuma. Abarundi bavuga ngo ubuntu burihabwa, jewe ivyonturavyemeranya nabo, none wofata abantu bicaye bagategura irementanya bakandikira ONU bavuga ngo mu Burundi hariko harategurwa genucide ukabashira mwicokibanza gihawe uwo mugenziwacu nyakubahwa umupfasoni Salaphina Wakana!? Abobantu ndibaza ko mubazi nabosabandi bamwe ni: Leonce Ndendakumana, Pancifique Nininahazwe, Murwengezo, Vital, Gabriel Rupfiri, Mbonimpa, na Banditige nabandi? Nubwowokwiga kajana ukanavuga indimizose utagira urukundo nokwihangana nkukwo abobameze mpejeje kudondagura amazina ahoharuguru bameze, ntushobora kwizerwa nkukwo kwuwo mupfasoni Salapfina Wakana. Mupfasoni ndagukeje urateye agateka u Burundi nabarundi twese.

  • ewe mama urucira mukaso rugatwara nyoko ewe uracababaye mumutima uzokwama abo wanka ubabona.

  • Biraryoshe Kubona Mu Burundi Dusigaye Twizigirwa Ku Mabanga Nkayo Kandi Nkako Turaciye Ubwenge Abarundi, Imana Ituzigame Mugutunganiriza Bose

  • @Ndavugasimvura, jewe simbabaye kuko kuva 2010 ayomazina navuze nabobafatikanije nicogihe bitegura kwacumuriro, ariko kubera abahutu, abatutsi nabatwa baciyebiyemeza ko uwuzokwaca umuriro bazowumuzimirizako nicogituma mubona abonavuze batigeze baterintambwe, nejobundi warabonye ko bandikiye ONU ariko ntacovyabamariye, jewenero ntabubabaremfise nabutoya, niyabarero wewe ushigikiye abobantunavuzo niwewe wozohava wama ubabaye! kuko ubumuburundi dufise imirwi ibiri iriko irakora bikaboneka, kandiyomirwiyose irimwo amokoyose agize abarundi, Umubwi umwe arinawo urazwishinga nogukemurira ibibazokukivi ugizwe hafiyabarundi bashika 97/100 abobose ntibari mumugambwe umwe barimumigambwe itandukanye biranashoboka hakabaharimwo nabatari mumwigambwe. umubwiwakabiri ugizwe nabantu bibaza ko ibibazo vyomugihugu bizokemurirwa mwibarabara nomukurementaniriza absanzwe bibereye kukivi abobantu harihumwanya usanga hariho abantu bataribake babatahura kuribimwe bavuga, ariko bamara gutangura kuvugako ibibazo bizokenyurirwa mukwiruka mwibarabara nomukurementanya mukwandika inzandiko zivugako mu Burundi hariko harategurwa jenucide, abeshi bacababavinyuma bakigira kukivi nonehorero dukozigiharuroneza abarundi twoshira mwuwomurwi winjavyi badahinduka bamaze kwocwa icapa barashika hafi 3/100 Ndarangije ndakubwirako jewe ntababaye kuko ndaziko Imana ya Yacobo na Shadurake, na Bedunego niyoyama yambereye inyishu ijoro numurango iyaba arijewe nirwanirira ntuburiko urabwirango urucira mukaso rugatwara nyoko avyonakabibwiwe kuvakera ariko uwowashize mugishingo ca mama aracavuga rikijana, Imana ninyishu kirayokuyihereza bitaribimwe vyuburyarya gusa wirabire abashaka kukugiriranabi ukuntu ibabwira ngo mbewamuntuwe urandonderera iki? Mazebamazekubona ko kwiruka inyumayumuntu ngumugirirenabi bibabisigurako uburiko wiruka ku Mana nguyigirirenabi, ucuhitamwo guhinduka noneho ugahinduka umwana w’Imana, kukonashaka kubabwirako kwitwa umwana w’Imana nokuba umuntuw’Imana biratandukanyekureniyo, nashaka kubabwirako abantubose nab’Imana ariko abantubose sabana b’Imana. Uwugiramakenga kurivyomvuze arahawikaze iwanje canke abaze abodukorana bamwegereye ndaziko tuvyumvakumwe. Murakoze mugire isabato nziza, abandi umusiw’Imana wiza kukomumwanya narimpejeje kuvugana numuntu abamugihugu ca Australia yarikwarambwirako bobo barimubucagucagu bwokuw’Imana mugihe jewe hano Bujumbura harihakiri mumasatanu zijoro bwisabato. Ndakomeza gukeza uwomupfasoni Wakana.

  • ewee mama, gezaho gusara, mbega wewe uva hehe?

  • None uwo mupfasoni aracari muri uprona? Twizere ari kwa concilia; sinon azoba yarazimiye!

  • ahubwo mama wewe urakwiye kuja kwa rogenti nihaba hakiriho, ahandi ho uzosara neza canke warahejeje imana iguhezagire.

  • Ndabumva komera jewe nitwa Mama mwihangane ntagahenge niteze kubaha mwese mpaka mwihanye mukakira agakiza bitagenzukwo muzokwama munyirukinyuma mwayamaboko mubonamengo mwashikiriye kandimuvyukuri ndahantu mudashobora kunshikira ariko nimwihana mukava mwubwo butamenya bwokubona uwuvugukuri mukamwitumusazi muzocamubona turihamwe bitarinze nokubabiza intuguta. Mwihane kukubwami bw’Ijuru burihafi, nukworero twese nituvehasi tuvugetuti data twaragucumuyeko, ntakibuza Imana itazoduhindukirira ikaduha kumenya gutandukanya umusanzi nuwutari umusazi. Ariko munyibukije umuntu yarirwaye mumutwe mumyaka yaza 70 twaramucako tuvuyekwishure akaduteramabuye akatubwirako turabasazi kandimuvyukuri ariwe yarifise akagorane mumutwe!!!!!!!!!!!!!!! Ndacakomeza kukeza mugenziwacu umupfason Salaphina Wakana.

  • raba umu ufb yarigumije. ku wa 8 ntwarante waremeye uterwa ivyuka vyokera cokimwe na ba kinigi, nihazi, bankumuhari n’abandi bakenyezi twubaha nka pr barbara, me suzane bukuru, n’abandi. Raba uciye ugenwa mu mabanga nkayo,ureke konsiriya abe ariyambura agashambara, atukisha umugambwe mukuwushira mu kwaha kw’abandi. komera mupfaso, utugumizeko agatima abo kwa Nditije nkuko wamye.

  • Nawe rero mama uraja mwijuru. abatagushigikiye baje mumuriro udahera ha ha ha.......

  • ewe Mama!!jewe nukuri iyi article sinari nashimye kuyi commenta!!ariko kubera ubujuju bwuzuye muri mama butumye mvuga!!none burya wewe are you sure ko ntakibazo ufise mumutwe canke ihahamuka rikeyi!!erega twarakumenye kuri muri baba DD batanize bakurikira nkinama gusa gusa kandi bashira ubwoko imbere!!wewe nkivyo wanditse ubona bijanye niyo nkuru yuyumunyezi???nukuri ndabona umenga uri numunyabuhonga uragezaho twarakumenye sha!!ntanico ukivuga ngo kidutanganze!!ndabira nkukwo kwiyemera ukabshira noku gihe ngo ’’ mpejeje kuvugana numuntu ari muri Australie’’hahhaha ibirofa bibaho kabisa!!umuntu wese aca abona ubwenge bwawe aho bugera!!ahubwo nagira wavuganye na Yesu naho uwuri muri Astralie hariho nababayo bagize abagiye kubayo kera pour dire ko ntawo biraje ishinga ivyo ntuzosubire kubivuga ngaha!ngo tumenye kufise abantu bari muri Australie!!!sha unteye ikigongwe ahubwo uri nzokira ntevye niyo uzokira ukaronka amafranga mesnhi ubona ko muzi kuyiba, mumutwe ntuzapfa ukize you are very stupid!!Imana nayo ntuzosubire kuyitwaza kuko biraboneka kugendera kuma sentiments gusa nta Mana uzi!!wapi!!yari impanuro nkumuntu ashaka ko watora ubwenge bukeyi basi

  • Hariho umuntu antwengeje avuze ngo : kubera ubujuju bwawe Mama! Yongeravugango nivugishije ko navuganye nabantu babamubihugu vyohanze nka Australia ngokugira nerekaneko nkomeye! yasubiriye aravugako Mama ari stupid! Murimake nashaka kubabwirako niyaba kuvugana nabantu barimubihugu vyibihangange kw’Isi arikwo kubigihangange ndabasavye mucemumvinyuma jewendigihangange kuko jewe ndavugana nabohanze nisimu igaheramwo umuriro kukonakare mfiseyo abana nabuzukuru nincuti nyishinyishi. Jewe ndirinda cane gutukana iyondikondatanga igitegerezo canke iyongize uwonkebura kuko nkabantubanzi canecane Imana ibonavyose ibona n ibirimumwiza bumvise natukanye mwizinyandiko nobangowecane. Harihico nashaka kubabwira kandinamanabibabwiye hakonokwumvambwirwako natukanye nofuma bwirwako ndikijuju, canke stupid ( mabega) nanje nkaheza nkirinda kubasubiriza munkoko ahubwonkakomeza kubasengera nubwonsanzwenziko murabomunzu yabagararinji ariko nzokomeza shirubwoba sinzobaheba nzokomeza kubereka Imana yoyo nyirububasha kuko nambayarahinduye Sawuli agahinduka akareka kuguma ahiga abana b’Imana, ariko mukanyisase Yezu yaramucakiye acarizera arabatizwa, ndakomezarero kubabwirako Yezu arabakeneye. Hanyuma nubwomushaka kwanduza uryamupfasoni musanabavugako yatorewe uriyamwanya kubera adakunda Concillie ndabibabwiriyengaha muramubeshera, bamuhaye uryamwanya kubera arumurundi murazogenda mubaze nama documa yiwe ntahuzosanga yandikishije umugabwe ariko uzosangaho kwarumurundikazi.

  • urwaruka ni ru bonereho ko bishobokako boshikakure barondere ubumenyi bukwiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.