IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwutwara igendereza yasibije urugendo rw’akazi rwa Piyo NTAVYOHANYUMA

Uwutwara igendereza yasibije urugendo rw’akazi rwa Piyo NTAVYOHANYUMA

jeudi 2 Ndamukiza 2015, par Egide N

Urugendo rw’akazi rwa Piyo NTAVYOHANYUMA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi rwasibijwe kw’itegeko rw’umukuru w’igendereza ry’Uburundi.

Mu gihe Piyo NTAVYOHANYUMA yari afise urugendo rw’akazi yategerezwa kujamwo mu gihugu c’Ububirigi, itegeko ryatanzwe n’umuyobozi mukuru w’urwego rw’igendereza ryahagaritse urwo rugendo. Inama nshingamateka y’Uburundi yaciye ihabwa itegeko ry’ukutamuha amafaranga y’urwo rugendo, ritanzwe n’uwo muyobozi mukuru w’urwego rw’igendereza Général Etienne NTAKARUTIMANA hamwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta Tabu Abdallah MANIRAKIZA. Umushikiranganji w’ikigega ca Reta yandikiye inama nshingamateka ayisaba ko yohagarika urwo rugendo kubera Piyo NTAVYOHANYUMA, umukuru w’inama nshingamateka yoba atarasigura ingene yakoresheje amafaranga agera ku bihumbi mirongo itatu vy’amafaranga y’amanyaburaya (30 000 Euros) yaheruka yaheruka gutwara mu rugendo

Tubibutse ko Piyo NTAVYOHANYUMA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yankiwe kuja muri urwo rugendo rw’akazi inyuma y’aho havugiwe amakuru ko ari mu badashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza, bikavugwa mbere ko hari n’umugambi w’ukwegeranya imikono y’abashingamateka bashigikiye ikurwa rya Piyo Ntavyohanyuma, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi kugira asubirizwe n’uwundi ashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza. Mu bavugwa ko umugambwe CNDD FDD ukeneye ko bomusubirira, imbere hari izina ry’umushingamateka Benigne RURAHINDA, umupfasoni wa Général Adolphe NSHIMIRIMANA yahoze arongoye urwego rw’igendereza.

JPEG - 32.9 ko
Piyo NTAVYOHANYUMA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi

Egide Nduwimana

Messages

  • Yo Mana fasha uburundi !Bategetsi bigihugu cu burundi nimushire imbere ineza yaba nyagihugu !Piyo nawe ntaco bimugira ijambo ryiwe aze arigire umugenzo azoshimwigwa ndamuteye intege

  • Karabaye. Mandat barayishaka by whatever means possible. Pray for Burundi.

  • Shihane Shihane gose mbibutsa ko muri kukanyuma!
    Mwagure n’ubusho n’imyobo tuzobarokezamwo!

  • Diacre , Imana irabona uburundi , nokuremesha . Gusa Imana ntishakako duhindura abandi ahubwo ishakako duhinduka umwe wese . Abo batwara uburundi ubu , iriringo cabo Imana irakizi , nivyo bakora vyose irabibona , nigituma bahashitse hari igituma, Imana itanga ubutumwa gutyo ibucishije mubantu abaribo bose.

  • ABO BANTU BARIKO BOKORA IBIDAKORWA BIRABAGOYE KANDI NDABARAGANIYE KO VUBA CANE UMUGAMBWE CNNDD-FDD UZOBA WAFUSWE KUKO UGOMBA UTE IGIHUGU MUKAGA.MUZOBA MUMPINYUZA AU MOI D’AOUT 2015

  • jewe mbona Adolphe Afise ihangiro ryogufata IGIHUGU uTI GUTE ’?BAGOMBA BAKURE PIE HAMA BAHASHIRE MADAME Adolphe bace Bica umukuru wigihugu canke ahunge ,hama Madame adolphe ace atwara infata kibanza.hama adolphe ace agira ico agomba .ADOLPHE EGALRE Madame Adolphe .

  • aho nta soni? ubuntu burihabwa genda mwicarane muganire ntimuri abagabo bato mureke kwiha amenyo yabatwenzi.isubize umutamana mwibuke kahise mutegure kazoza keza akiwanyu n’akigihugu.

  • Jew mbona ingorane iri muriki gihugu uwuvuze ukuri acika umwansi,nibareke kuza baramaramarira kumvuga kuri.nibamukura nibazoba bafuse ico yavuze,hinge tubirabe aho bizoherera.

  • je reves ou quoi 30 milles euros amahera angana na 60 millions z’amarundi juste kurugendo rumwe gusa.oya vraiment nibarabe bahembe abigisha neza kuko muburundi ndunva amahera tuyafise kubwinshi

  • NIBAREKE PIE AHEZE IKIRINGO CIWE,BANKA KO AVUGA UKURI KURYA YAHAGARIKIYE IBWIRIZWANSHINGIRO KO RYIBWA MUTAMI PIE KOMERA IMANA IGUHE NIBAREKE PIE AHEZE IKIRINGO CIWE,BANKA KO AVUGA UKURI KURYA YAHAGARIKIYE IBWIRIZWANSHINGIRO KO RYIBWA MUTAMI PIE KOMERA IMANA IGUHE KUDAHEMUKA

  • mumbwirire abo ba dd uti mu mis’iza bigiye kubagora basi !! uti iyo ngero mugereramwo abandi murazi ko ariyo muzogeregwamwo !! ahaah !nzobambona !!

  • UBURUNDI BUTWAGWA NI NGEGERA GUSA UHEREYE KURI PETERO NKURUNZIZA NABO BAFATANIJE. WO HANUGWA NA Gihahe UKAVUGA NGO URI NIGIHANURA>Gihahe TWIRIGWA TUGWANIRA Umugorigori I LUKOLE NONE NGO NIWE MUHANUZI MUKURU WA Nkurunziza,BURUNDI WE WARAGOWE

  • jew ic mbon nuk peter ashak ntihamenyekan ivy yakoz nab barikumw,ivyoyakoz bigiy kuj ahabon, Pie nibarek yidegevy haricah yakoz comubuz? kuk ivyab twarabimeny vyos rab abasiny bos barakuw bamw bashak kubic, bashak babic barasiny kand ntibizosinyuk!!

  • mandat irateyingorane emwe barundi dusenge kugira mutama agire icatubwiye kurivyo bamuvugako!Nayahandi turashobora kugwa mukaga!

  • @ Biraboneka

    Wewe wabonye ukuri aho kuri kabisa. Adolphe nti azogenda atikoreye uwo mugabo wo ku Mwumba.

  • UBURYARYA BWARAJE KWERI.AKAGURUKA GASIGAYE KARYA AKANDI

  • UBURYARYA BWARAJE KWERI.AKAGURUKA GASIGAYE KARYA AKANDI

  • Igifise intango kigira n’iherzo reka turindire turabe iyo biherera hamazwe kuvugwa vyishi ari ntakuri kuraboneka .icombona gisigaye n’uko nyene icubahiro yovuga ibisigaye kuri vyishi bimazwe kuvugwa .

  • Uwiyita iy’umenya uri lundi y’ingegera koko ahomwamywereeeeey’amaraso ntimuyahaga ,1965 ,kuduga aho ntandero nankeya ufise pe ivyar’imagera vyarageruye murasubira muturir’amapine uwuzowucana azowota bene Bdi barakenyeye ziraguma mwihende

  • Je Nibaza Ko Arimvo Za Politique.

  • ariko gayemwe ntimwogezaio nuyo mutama wintungane naw kweri mumutotez musezeye nabi basi

  • perezida yakoze amakosa dès le départ,ariko ndagwa nkagaruka nta kundi ntiyari bwamenye neza abantu,erega abo bantu benshi bagiye bahabwa ibiti bikomeye nta numwe azi amagogwa y’intambara twaciyemwo,abo bose bari biryamiye i bulaya babikurikiranira kure,nico gituma batamenya ivyo bavuga n’uwo babwira,kuja kubwira peresida ngo ntuhirahire,iyo ni langage yo gutegeka umuntu,barabuze ukundi kuntu bashikiriza ivyo bakaneye batarinze kubicisha ku ma médias twese tuzi ko ari ayo gusambura,nkuko umengo ni ukumuteza abansi ngo babandanye kugumura abanyagihugu n’amaradio yabo,uko nikwo guhanura,kumuteza rpa n’ibindi,kuja kwishongora ku ma radio,ni nkaho umengo bariko bararondera abobafasha kumugondoza,mwa bahutu mwe nayo twabonye uko siko dukwiye gukora,il faut laver notre linge sale entre nous,mushake muhane ingumu ariko mureke kwiyandagaza,murimaramaza kandi muratumaramaza kuza kuvugira kuri za rpa ,mwibaza ngo barabakunda,ihi bambewe ntimukangwe ngo nuko bavuga aba fnl bishwe,bo ico babivugira ni ukugira dusamburane bazoduhwikire tutavyiteze,ko batavuga canke ngo bashengeze micombero,bagaza,bikomagu,buyoya,rusiga paul,n’abandi benshi ariko n’ubu bakiriho,abo bose ba vitali na ba paciphique ko batabavuga bari aba sans echecs bamariye abantu mu mashure ko wumva bavuga ko ata moko akiri mu burundi,ou bien muhimvye ntacoyimena,ou bien murerekanye ko ataco mwomarira igihugu,mwese muca mufata indege muhejeje kurya ivyo mutagwaniye ,vraiment nni babankire mwese gusohoka,ntimuheza kurya ngo muce muhunga,peresida ubu arabonye ko yiyegereje abo basangira aghiye,akabisi kageze bati ntiturimwo turisubiriye i bulaya,vraiment muratumaramaje!

  • Nibitangaza pe! Mbe burya ministre canke umukuru w’igendereza barafise uburenganzira bwo kwinjira mu bijanye na pouvoir legistratif? Hoho ayo trente milles euro bashaka ayasigurire nde? Ministre des finances? President des SNR? Twe tuzi ko assemblee nationale ishobora gutumako umuntu wese wo muri Reta kugira asigure ibikorwa vyiwe, ariko ntaho turabona aho umushikiranganji ashobora gutumako president de l’assemblee ngo asigure ivyo asigura. Ikindi naco, twahora twumva ko le pouvoir executif yivanga mubikorwa vya pouvoir judiciaire, none ubuho irarengeje urugero igiye kwivanga no muri pouvoir legislatif. Du jamais vu, kwisi yose ntaho twari bwabibone.

  • NEZA CANE IVYO BIJANYE NITUGANYWA NEZA RYUBUTUNZI BWA LETA.
    NICO GITUMA NKURUNZIZA TUZOMUSHIGIKIRA GUSHIKA AHO INTUMVA ZUMVA.
    NKURUNZIZA URUMUGABO WABAGABO...MBEGA KO BAGUTINYA ABO BANYABUJUMBURA WABAGIZE IKI!
    BAHEBE WIYIZIRE MURI TWEBWE TUZI ICO WATUMARIYE MUTAMA...!MUGA IGITO GITABWA IWABO NTIWOBAHEBA KWELI.
    ARIKO IYI DEMOCRATIE IRARENGEJE NIYAMBERE ABARUNDI BARISANZURAMU BUTANDUKANE BWABO GUSA NUKO HARI ABATANDERO ABSHIKIRIZA IVYIYUMVIRO VYABO MU BITUTSI ARIKO IGITUTSI NTACO KIGIRA UMUNTU.

    MUTAMA WACU GUMA KWIVOLANT.

  • Jewe numvirije kandi nkiyumvira impamvu yatumye uwo mukuru w’inama nshingamateka bamusivya kururwo rugendo rw’akazi yagomba kugira ,ntibitwaze ngo nukugirango yerekane iyo ayo mahera yagiye canke ingene yakoreshejwe ahubwo nuko adashigikiye ico kiringo ca gatatu ca nyakubahwa umukuru w’igihugu.barasangiye kuyarya.ninaco gituma igihugu kidatera imbere kuko izo nzego zose zo mu Burundi reka mvuge iyo reta ihari Niyo kuyovya gusa amatungo y’igihugu gusa ntabindi ntibagiye kwica abatavuga rumwe n’ubutegetsi buriho ubu. Abarundi turamaze guca ubwenge kuko ibiriko birakorwa vyose turabibona.

  • ko batamwemera abanyagihugu baramureka yitoze hanyuma tureke kumutora haaaaahhaaaaaa.ivyibiringo babireke.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.