IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Valentin BAGORIKUNDA yashizeho umurwi utohoza ku bwicanyi bwakorewe mu (...)

Valentin BAGORIKUNDA yashizeho umurwi utohoza ku bwicanyi bwakorewe mu Ngagara

dimanche 18 Gitugutu 2015, par egide

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi Valentin BAGORIKUNDA yashizeho umurwi ujejwe gukora amatohoza ku vyaha n’ubundi bubisha bwakorewe mu Ngagara kuva ku mutaga gushika mw’ijoro ryo kuwa kabiri igenekerezo rya 13 Gitugutu 2015.

Uwo murwi urongowe n’icariho c’umushikirizamanza mu gisagara ca Bujumbura, Thomas NTUKAMAZINA, usabwa kuzodoma urutoke ku bakoze ubwicanyi, wongere werekane uruhara rw’umwe wese.
Uwo murwi wahawe kandi ububasha bwo gufata n’ugushengeza imbere y’ubutungane abazokwagirizwa ko bakoze ivyo vyaha, ukaba wahawe ikiringo c’iminsi cumi kugira uzobe washikirije icegeranyo.

JPEG - 36.8 ko
Valentin BAGORIKUNDA, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi

Uwo murwi w’amatohoza ushizweho inyuma y’iminsi ibiri umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon asavye ko amatohoza yihuta yokorwa ku bwicanyi bwahitanye abanyagihugu icenda n’abaporisi babiri mu masasu menshi yumvikanye mu Ngagara kuri uwu wa kabiri.

Mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuri uwu wa kane, bamenyesha ko muri abo banyagihugu bagandaguwe harimwo umukozi w’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abimukira (Organisation Internationale pour les Migrations), Evariste Mbonihankuye, yari asanzwe ari umwishwa wa Christophe NKEZABAHIZI, umumenyeshamakuru wa RTNB nawe nyene yagandaguwe n’umuryango wiwe wose.


IGIHE

Messages

  • Ahenda nde ngo ashizeko umurwi wo gutohoza. Ni umurwi ujejwe irementanya kugira abakozi ubwo bwicanyi ntibaze bafatwe!!!! Hari igihe amatohozwa y´ukuri azobaho.

  • Ndakeneye kubona bagorikunda arimuzima mugabo yavuye kuri yo ntebe yicayeko, amakonzi yoyo uzoyaronka ndakubwiye

  • Ayo matohoza nayiki abaporisi babishe ntibahari imodoka zabazanye izuba riva nibaza hama ngamatohoza

  • nibahere 72 koivyubu abazugubabi jamocane igihe abahutu barikobafa kwatacobavuga

  • Amatohoza nibahere mugipolisi sico cihaye kugangagura abarundi mwibuke Liboire yavuze ati hari abambara imyambaro yagipolisi atari aba polisi nizambonerakure baha imyambaro nizo ziguma ziniga abantu ariko nabo bazovyishura.

  • Ahubwo Iyo Biguma Hiyo Ntibize Ino.Abategetsi Nimwe Muriko Murarkwega.

  • Ahubwo abarwanya nkurumbi muragaba,ivyo bashaka barondere abo babitako kuko ako kagabo ka Bagorikunda gafyura amaso nk’ifuku yahaze amateke nagacangero ka nkurumbi.

  • Jewe ndafise amakenga ku nyifato y’uwo mugabo mu gihe bizwi ko ari police présidentielle, azohava abigenza ukundi anabivuge ukundi canke yanke kwikora mu nda kuko ni umugenzi w’ababigira n’umunywanyi w’umugambwe w’ababikoze.
    Yemwe sinoronderera igikere mu mazi ndazi ko ariho kiba kuko ntigishobora gucira urubanza rubi ibinyamuroba kandi vyose bisangira inkoko.

    Muzoba mumwira!

  • Umva Neza Ivyo Vyose Biba Kuber Ukutumvikana

  • Umuntu yiyumvira kahise kugira yic abandi siw kweli turamwitamirij ubu tugez kuntabw yokumvikana bwira uyo yihimbira izina ngo nico eka uri icobo kweli

  • KUBABIKIRA MANIRUMVA NUB AMATOHOZA NTITUZI IYAGEZE?YAMARA ADOLPHE YABISHE BARAMUHUMIY NABANDI NIBARINDIRE IHORA IHOZE .TWAGIRA ADOLPHE AZORAGWA ISI.,!!! MUTOHOZA BARYA BAPOLICI NTIMUBAZI?INGERO Y ICAHA NURUPFU.

  • Erega muramenya ko uyo bagorikunda ko atohemukira shebuja nkurumbi yoba asheshe aga sauce ivyo abo ba polisi bakora bakuriza umugambi wa nkurumbi

  • Ntamatohoza yabobagabo,ivyobatohoza turabizi batoza ibinyoma.none boshora kwikora munda abakora ayomabi yoguhonya abenigihugu arico giporisi kibikora hamwe nizo mbonerakure,aho nuguhumamaso amakungu,kukwibikorwa bababizi,numusibiberako, abobashikirizamanza nabo ivyabo vyarahinyutse ntahobazigera babana ukuri, nkurunziza yarabahaye umuti wokubagoba ururimi ngo ntibigere bavugukuri, ninacogituma ivyusangabakora bibavyuzuye mwigifungu.

  • Amatohoza n’ahere kuri Peter kuko ayo mabi yose yaturutse kuriwe, iyo areka kwitoza ubwa gatatu igihugu kiba gitekanye. Leta yiwe yose n’abamushigikiye bose bakwiye gufatwa n’ubutungane bagashirwa mu mpimba. Nayo abitwaza ivy’amoko bobo ni bateshwe bate! Ko hariho abariko baragorerwa mu makambi y’impunzi kandi basangiye ubwoko? Ntakagongwe agirira ikiremwa muntu ngo nuko basangiye ubwoko.

    Abicanyi ntawe basangiye ubwoko kiretse satani gusa kuko arabana biwe!

  • Abo bagabo BARAVUGAGURA gusa! Amatohoza yabo ntaco azogerako kuko sinemera ko hari nayo bazokora. Naho hari abo bofata pour sauver la face, bazobacira urwa NGODAGONCE comme on dit. None of us expects miracles from those guys! Imana irafise uko izobabaza ivyo bakoze! A bon entendeur salut!

  • Teshwa Utewewe Uvugango Ubwicanyi Ngonikubera Ikiringocagatatu None Abatwaye Imyakamirongo40 Katacomubavugako Remahumura Twarabahinyuye Nikubera Imitungo Mwanyuruje Mwankako Muyariha.Ubunukugumura Ababenegihugu Ngonibahunge Kandi Mwebemuzi Icomuhunga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.