IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Yaciriwe umunyororo w’imyaka mirongo ibiri

Yaciriwe umunyororo w’imyaka mirongo ibiri

jeudi 25 Ndamukiza 2013

Mu ntara ya Cibitoke, Sentare yaciriye imyaka mirongo ibiri y’umunyororo umupfasoni azwi kw’izina rya Margerite Niyonzima, aba muri komine Buganda, yagiriwe n’icaha co kugandagura umuvukanyi wiwe.

Mu ndwi twaraye turangije, uwo yagiriwe n’ico caha yishe ubwiwe umuvukanyi wiwe, bapfa amatongo. Ubutungane bw’Uburundi mu ntara ya Cibitoke bwamuciriye umunyororo w’imyaka mirongo ibiri, ivyo bigahurirana n’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose kuko igihano c’ugupfa caciwe mu Burundi.

Mu Burundi, biragaragara ko ikibazo c’amatongo arico ntanduruko y’amatati hagati y’abonse rimwe.

Leta ya Nkurunziza yaratanguje kuva mu mwaka w’2006 umugambi wo gutorera inyishu ivyo bibazo, aho ikibazo c’amatongo cashizwe imbere.

Foto: Burundi-Agnews


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.