Accueil > Amakuru > Ubutungane > Yaciriwe umunyororo w’imyaka mirongo ibiri
Yaciriwe umunyororo w’imyaka mirongo ibiri
jeudi 25 Ndamukiza 2013
Mu ntara ya Cibitoke, Sentare yaciriye imyaka mirongo ibiri y’umunyororo umupfasoni azwi kw’izina rya Margerite Niyonzima, aba muri komine Buganda, yagiriwe n’icaha co kugandagura umuvukanyi wiwe.
Mu ndwi twaraye turangije, uwo yagiriwe n’ico caha yishe ubwiwe umuvukanyi wiwe, bapfa amatongo. Ubutungane bw’Uburundi mu ntara ya Cibitoke bwamuciriye umunyororo w’imyaka mirongo ibiri, ivyo bigahurirana n’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose kuko igihano c’ugupfa caciwe mu Burundi.
Mu Burundi, biragaragara ko ikibazo c’amatongo arico ntanduruko y’amatati hagati y’abonse rimwe.
Leta ya Nkurunziza yaratanguje kuva mu mwaka w’2006 umugambi wo gutorera inyishu ivyo bibazo, aho ikibazo c’amatongo cashizwe imbere.
Foto: Burundi-Agnews
Egide Nduwimana