IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Yarahiye ubwa kabiri atangura amabanga y’icegera ca mbere c’umukuru (...)

Yarahiye ubwa kabiri atangura amabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

vendredi 25 Gitugutu 2013

Umushingamateka Bernard Busokoza ari nawe yatowe kugira asubirire Terensiyo Sinunguruza mu kibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ahejeje gusubiramwo indahiro irigira kabiri, inyuma y’aho "yihendeye" akarahira indahiro idasa n’iyiri mw’ibwirizwa shingiro. Vyemewe n’amategeko, Bernard Busokoza yatanguye amabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 25 Gitugutu 2013.

JPEG - 39.9 ko
Bernard Busokoza ariko atera umukono ku ndahiro yiwe igira kabiri

Inyuma y’iminsi ibiri gusa arahiye icese imbere y’umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abakenguzamateka, sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yaciye ifata ingingo y’uko Bernard Busokoza yosubiramwo indahiro kuko basanze ivyanditse mw’ibwirizwa shingiro ataho bihuriye n’ivyo yarahiye. Ibwirizwa shingiro, mu ngingo yaryo y’127, bavuga ko icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yari kurahira " imbere y’abarundi bo bene Uburundi. "

Kuva aho bimenyekaniye ko yarahiye " imbere y’umukuru w’igihugu, we wenyene nyene igihugu ", Bernard Busokoza ntiyari yemewe n’amategeko nk’icegera c’umukuru w’igihugu kuko ibwirizwa shingiro ryari ryahonyanzwe. Kugira aronke uburenganzira bwo kugira ivyo akoze nk’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Charles Ndagijimana, umukuru wa sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yaciye amenyesha ko uko bigenda kwose, umushingamateka Bernard Busokoza ategerezwa gusubiramwo indahiro, nk’uko yanditse mw’ibwirizwa shingiro, aheze abone gutangura amabanga.
Mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, Bernard Busokoza, nk’uko vyari vyagenze ubwa mbere arahira, yashikiye mu bandi bashingamateka, kukaba nkako, vyitwa ko atari bwatangure amabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

JPEG - 41.7 ko
Bernard Busokoza, imbere y’uko arahira

Mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, abari bitavye ivyo birori, bariko baganirira mu turwi, babazanya uko vyogenda kugira indahiro yandikwa isanzwe iri mw’ibwirizwa shingiro yojamwo ikosa, n’uwuriko arayisoma asanzwe ari umushingamateka ntabone ko harimwo amakosa. Ariko n’aho biri uko, amakuru ava mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu amenyesha ko mu biro vy’umukuru w’igihugu boba barasavye ikigongwe kuvyabaye, mbere bikaba bivugwa ko uwavyanditswe ashobora gukurikiranwa.

Afashe ibendera ry’igihugu n’iry’ubumwe bw’abarundi, Bernard Busokoza yarahiye ku ncuro ya kabiri avuga ati : "Imbere y’abarundi bo bene Uburundi , jewe Bernard Busokoza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ndarahiye ko ntazotirigana ku masezerano y’ubumwe bw’abarundi, kw’ibwiriza shingiro rya Repubulika y’Uburundi hamwe n’ayandi mabwirizwa kandi ndemeye ko nzoharanira ntiziganya ineza y’Uburundi n’abarundi, nkubahiriza ubumwe bw’abarundi, amahoro n’ubutungane kuri bose. Ndiyemeje kurwanya ivyiyumviro n’ingendo vy’ihonyabwoko, guharanira n’uguteza imbere agateka ka zina muntu n’akabanyagihugu bose no mu kwubahiriza ukwikukira n’imbibe za Repubulika y’Uburundi.» Ahejeje kwunamira umukuru w’igihugu aca yunamira abashingamateka n’abakenguzamateka, nabo baca bamuhunda amashi menshi, aho mukamenya ko ubwa mbere atari yabunamiye.

Ikibazo gihari ubu n’ic’ukumenya namba azoca asubiramwo ukubisikanya (remise et reprise) yari yagize umunsi arahira ubwa mbere. Ababikurikiranira hafi bavuga ko vyari bikwiye kuko ku munsi wa kabiri igihe Bernard Busokoza arahira ubwa mbere, Teranse Sinunguruza yabisikanije n’uwumusubiririye yatanguye biciye, mu mategeko, amabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kuri uwu wa gatanu.

JPEG - 39.1 ko
Bernard Busokoza ahejeje gutera umukono kuvyo yiyemeje

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.