IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bazokwiga muri Kaminuza y’Uburundi batumweko

Abanyeshure bazokwiga muri Kaminuza y’Uburundi batumweko

mercredi 21 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi bwasohoye itangazo, aho butumako abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye yaba abo mu bisata vy’indome n’ubushakashatsi, ibisata vy’imyuga, hamwe n’ibisata vy’inyigisho nderabigisha bazokwiga muri Kaminuza y’Uburundi mu mwaka w’2016 ushira uw’2017, ko ukwiyandikisha kwatanguye.

Ikiringo c’ukwiyandikisha catanguye kuva kw’igenekerezo rya 19 Nyakanga gushika kurya 30 ukwo kwezi nyene.

Ukwiyandikisha kuzobera mu bibanza bitatu

Ikigo co mu Kamenge kizokwakira abanyeshure bashaka gukurikirana inyigisho z’ubuvuzi (Médecine) inyigisho zijanye n’inyifato (Psychologie) hamwe n’inyigisho nderabigisha (Sciences de l’Education).

Ikigo co ku Mutanga kizokwakira abanyeshure bashaka gukurikirana inyigisho z’uburimyi (Facultés d’Agronomie), iz’ubushakashatsi (Bio-Ingénierie), inyigisho zo mu gisata c’amategeko (Droit), ibisata vy’indome n’inyifato (Lettres et Sciences Humaines), inyigisho zo mu gisata c’ubutunzi (Sciences Economiques et de Gestion), abo muri "Groupe polytechnique et Groupe Sciences" hamwe n’abo muri "Institut d’Education Physique et des Sports" (IEPS).

Ikigo c’i Kiriri naco kizokwakira abanyeshure bashaka gukurikirana inyigisho za "Sciences de l’ingénieur", "Institut de Pédagogie Appliquée" (IPA), hamwe na "Institut Supérieur de Commerce" (ISCO).

Iryo tangazo ry’ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi rivuga ko ivyigwa vy’umwaka w’ishure w’2016 ushira uw’2017 bizotangura kw’igenekerezo rya 16 Nzero 2017.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.