Accueil > Amakuru > Amashuri > Abashingamateka berekanye amakenga k’ubukene bw’ibikoresho ma (...)
Abashingamateka berekanye amakenga k’ubukene bw’ibikoresho ma mashuri
jeudi 22 mars 2018
Igihe yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka mu bijanye n’inyigisho mu Burundi, kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Ntwarante 2018, umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA yavuze ko, ubushikiranganji arongoye buriko bukorana n’ubwo ikigega ca Reta kugira uburyo bwo gukora ibikoresho nfashanyigisho buboneke.
Umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA yavuze ko mu gihe iyandikiro RPP rikukira Reta, ko agiye gusaba Reta ko iryo yandikiro ryokora ibitabo kandi rikaba ari naryo ritsindira amasoko yose yo gukora ibitabo nfashanyigisho.
Kuva hatangujwe indinganizo nshasha y’inyigisho, hagatanguzwa ishuri nshingiro, abayobozi b’amashuri bagumye bavuga ko hari ubukene bw’ibikoresho na cane cane ibitabo.
Abayobozi n’abigisha bemeza ko igisata cibonekezamwo cane ubukene bw’ibitabo, ari igice ca kabiri c’ishure nshingiro.
MUGISHA Van Naris