IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abashingamateka berekanye amakenga k’ubukene bw’ibikoresho ma (...)

Abashingamateka berekanye amakenga k’ubukene bw’ibikoresho ma mashuri

jeudi 22 mars 2018

Igihe yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka mu bijanye n’inyigisho mu Burundi, kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Ntwarante 2018, umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA yavuze ko, ubushikiranganji arongoye buriko bukorana n’ubwo ikigega ca Reta kugira uburyo bwo gukora ibikoresho nfashanyigisho buboneke.

Umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA yavuze ko mu gihe iyandikiro RPP rikukira Reta, ko agiye gusaba Reta ko iryo yandikiro ryokora ibitabo kandi rikaba ari naryo ritsindira amasoko yose yo gukora ibitabo nfashanyigisho.

Kuva hatangujwe indinganizo nshasha y’inyigisho, hagatanguzwa ishuri nshingiro, abayobozi b’amashuri bagumye bavuga ko hari ubukene bw’ibikoresho na cane cane ibitabo.

Abayobozi n’abigisha bemeza ko igisata cibonekezamwo cane ubukene bw’ibitabo, ari igice ca kabiri c’ishure nshingiro.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.