IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Defile de mode > Abigeme 17 bazohiganirwa ikibanza ca Miss Burundi 2018 bamenyekanye

Abigeme 17 bazohiganirwa ikibanza ca Miss Burundi 2018 bamenyekanye

mardi 1er mai 2018

Nkuko biri ku rutonde rwashizwe ahabona n’umurwi utegura ihiganwa Miss Burundi 2018, intara 10 gusa nizo zaronse abigeme baziserukira muri iryo higanwa.

Kuri urwo rutonde, intara ya Bubanza yaserukiwe n’abigeme babiri, Bujumbura Mairie umwe, Bururi babiri, Gitega babiri, Kayanza batatu, Karusi umwe, Makamba umwe, Ngozi babiri, Rumonge 1 na Rutana iserukiwe n’abigeme babiri.

Intara zitaronse abigeme baziserukira ni : Cankuzo, Ruyigi, Muyinga, Cibitoke, Mwaro, Bujumbura Rural na Kirundo.

Imbere y’uko hatangura igikorwa co gucagura abigeme baserukira intara,kuwa gatandatu igenekerezo rya 28 Ndamukiza 2018, Andre HAKIZIMANA ajejwe kumenyesha amakuru mu murwi utegura ihiganwa Miss Burundi 2018, yamenyesheje ko intara zitaserukiwe , abigeme baho bamwe vyabonetse ko batarabitahura abandi bakavuga ko batinya guhiganwa n’abigeme bo mu gisagara ca Bujumbura.

Andre HAKIZIMANA yavuze ariko ko, ico kibazo c’intara zitaronse abigeme baziserukira bagitorera umuti bakoreshe uburyo bwo gucagura umwigeme yaronse amanota menshi mu batowemwo, uwo nawe bigaca biba ngombwa ko aserukira intara naho yoba atariyo avukamwo.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.