IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Defile de mode > Isabakuru y’amavuka ya Miss Burundi 2017 yaranzwe n’ama "Surprises" (...)

Isabakuru y’amavuka ya Miss Burundi 2017 yaranzwe n’ama "Surprises" menshi

jeudi 28 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Bose bampaye impuzu zera n’izisa n’ubururu, uruganwe rw’inkumi n’imisore bari bagorobeje bateramiye muri Aréna, batwenga, bafata amafoto (selfies), batera ijoro ijambo. Aho hose bari biteganye igishika kwakira Annie Bernice Nikuze, Miss Burundi 2017. Uwo nawe yari aramutse ahimbaza isabukuru y’imyaka 21.

Miss Burundi 2017, yinjiye muri Aréna atazi abamurindiriye. Ntavyo yari azi kuko wewe yari yambaye ikanzu itukura, mu gihe amabara yari yateguwe kwambarwa (dress code) yari iryera n’ubururu. Ababiteguye bahavuye bamwabika nawe ikanzu y’ubururu.

Miss Annie amaze kwinjira muri Aréna akabona isinzi rw’abari aho, bose bagatwengera rimwe, yarakangutse maze asubiza umugongo inyuma yiruka akoma akaruru. Maze bose bamwirukako baramuhagarika, mu maso yuzuye amosozi. Utujambo twa mbere yidogeye bagenzi we ko batamubwiye ivyo bateguye.

Aho nyene, Thierry Tyno, bivugwa ko bakundana yaciye amushikiriza ifoto yiwe yanditsemwo" isabukuru nziza y’amavuka". Maze Tyno na Annie barahoberana.

Ibirori vyaciye bibandaniriza mu kibanza cari categuriwe uwo munsi mukuru. Inkuru, intwengo, amafoto n’ivyo vyiganje muri ico kibanza. Mu gacerere ntangere, iyindi "surprise" iba irashitse.

Abaririmvyi Double Jay na Franck Duniano bashitse muri ico kibanza carimwo agacerere. Bashitse hagati, Double Jay aterera mu gahogo ururirimbo vyumvikana ko rwateguriwe uwo munsi. Double Jay ati : "Mpa akanya". Ururirimbo rwuzuye amajambo y’urukundo vyumvikana ko yateguriwe umuntu kanaka

.

Double Jay yaciye akura hasi Miss Burundi 2017, uwo nawe amasozi yuzura amaso. Yves Kami nawe ntiyatanzwe kuvugiriza igitari Annie Bernice, aho yahavuye avuga ko yabikoze abisabwe na Thierry Tyno asanzwe ari mu bajejwe kumenyesha amakuru ba Miss 2017.

Tubamenyeshe ko ariryo rya mbere urwo ruririmbo "Mpa akanya" rwa Double Jay mu mugambi wa Ikoh Multiservice "U’ll love changes" rwari ruvugijwe. N’umurwi utari muto wo muri Ikoh urongowe na Ikoriciza Haruna bari bahishikiye. Narirya Ikoh iherutse kugirana amasezerano na Miss Burundi 2017.

Ivyo birori vyari vyitabwe kandi na Miss Bernice yatowe mu mwaka w’i 2016.

Audio: Ururirimbo "Mpa akanya" rwuzuye amajambo y’urukundo


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.